July 27, 2024

Sat B agiye Kuboneka mw’isabukuru One Love Africa Music Festival i Burayi

0

Sat B agiye Kuboneka mw’isabukuru One Love Africa Music Festival i Burayi

Mugihe hari haheze imyaka itari Mike umuririmvyi Sat B agerageza gusohoka igihugu agana mu bihugu rutura kugira ashobore kuryohera abakunzi biwe ariko ntibimukundire kubwo kubura “Visa” imuha ububasha bwo gushika murivyo bihugu; Imana yaraye icanye aho kumusi wejo yatangaza ko yaronse Visa ndetse ko atagisivya kwigenekerezo rya 1 na 2 agiye kuboneka mwisabukuru rikomeye ryitiriwe #OneLoveAfricaMusic arikumwe n’abandi baririmvyi bakomeye babanyaFrika nka Yemi Alade, Harmonize, Skales, Kuami Eugene n’abandi hamwe n’aba Djs Bakomakomeye baba nyafrika. 

Kumuhingamo w’uyu wa 31 akaba ariho yashoboye gufata indege kukibuga c’indege ca Bujumbura citiriwe Melchior NDADAYE aho yaherekejwe nabamwe mubamwegereye harimwo n’umukunzi wiwe Belle Nice ndetse n’umwana bavyaranye Liam, ikaba ari nkuru isa niyiganziye ibinyamakuru bitandukanye aho benshi mu basanzwe bakurikirana umuziki w’ uburundi bamukeje kuntambwe nziza ateye bamwe bati biraryoshe kubona umuntu ateba gushika kukintu ariko bikarangira ashitse kukintu kizima kuko atawundi muririmvyi w’umurundi yari bwatumweko i Burayi mugiteramo gikomeye nkico. 

Tubibutse ko iyi ntambwe Sat-B ayiteye inyuma yo gukora urukurikirane rw’ibiteramo “Caravane BURUNDI-UE2023” vyatunganijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya muntara zitandukanye nka Ngozi-Kayanza, Gitega, Muyinga, Rutana, Makamba na Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika 26 uku kwezi 8 hamwe n’umuririmvyikazi Meili nabahinga mugutwenzwa Mutima Le Comedien na Gasore Le Comedien

Mbega nk’umukunzi w’umuziki n’akahe kajambo womubwira Sat-B

Ntaciyumviro kiratangwa on Sat B agiye Kuboneka mw’isabukuru One Love Africa Music Festival i Burayi

Siga Iciyumviro