July 27, 2024

Umuririmvyi Big Fizzo agiye gukora igiteramo mugisagara ca Dubai

0

Umuririmvyi Big Fizzo agiye gukora igiteramo mugisagara ca Dubai

Ntibikiribanga ivyari bimaze igihe binurwanurwa bihejeje kwemezwa, aho abicishije kumbuga ziwe za Facebook na Instagram yatatangaje ko atagisivya kwigenekerezo rya 16 ukukwezi kw’icenda agiye gukora igiteramo hariya mugisagara ca Dubai mukibanza citwa Thunder Night Club, inyuma y’igihe kitari gito abakunzi biwe bimwipfuza.

N’umwe mu baririmvyi b’abarundi bamaze gukora ibiteramo mubihugu bitandukanye, cane cane kumugabane wa buraya ariko munzira yiwe y’umuziki akaba atagiye araboneka mubiteramo kumugabane wa Asiya; Kikaba ari giteramo catunganijwe na Moga Entertainment basanzwe abarangurira imirimo yabo hariya Idubai.

kur’iyi ncuro Big Fizzo Akaba agiye gufata rutema ikirere imushikana mugisagara ca Dubai mugihe ngaha havurwa ivy’indirimbo yiwe n’umuririmvyikazi Monia Fleur bivugwa boba baramaze gutangura gufata amasanamu yayo ariko abakunzi babo baririmvyi bagakomrza kwibaza nimba Iyo ndirimbo Big Fizzo azogenda baramaze kuyishura kumugaragaro.

Mbega iyi nkuru ya Big Fizzo uyakiriye gute kumukunzi w’umuziki w’uburundi?? 

Ntaciyumviro kiratangwa on Umuririmvyi Big Fizzo agiye gukora igiteramo mugisagara ca Dubai

Siga Iciyumviro