Amakuru avuga ko umuririmvyi Sat B yoba yazimiriye mugihugu ca Suède siyo.
![](https://bbnewz.com/wp-content/uploads/2023/09/PSX_20230905_185518-1024x683.jpg)
Haraheze umwanya muto kumbuga ngurukana bumenyi hacanacanako inkuru ivuga ko umuririmvyi Sat B yaburiwe irengero inyuma yo gukora igiteramo kwigenekerezo ryambere(1)n’iryakabiri(2)uku kwezi kw’icenda.
Imvo n’imvano ikaba ari Post ya Dj Jackson asanzwe arongoye Label ya Bukiv Lab, ya nagize uruhara rukomeze kugira Sat B ashobore kuronka Ico giteramo co mugihugu ca Suède bakaba mbere baranajanye murico gihugu; muriyo post akaba yerekanye agashavu kadanzwe aho avuga ko aho bigeze agomba yitabarize igiporisi ca Migration
Aho ibintu bigeze ngira nitabaze #MigrationPolice ya Sweden
Kuki abaririmvyi mumeze uku
#ChuiDecu
![](https://bbnewz.com/wp-content/uploads/2023/09/PSX_20230905_182520-1024x783.jpg)
Ibi bikaba vyashimangiwe na Kent-P Manageur wa Sat B aho yavuze ko haheze amasaha atanu adatora uwo muririmvyi
![](https://bbnewz.com/wp-content/uploads/2023/09/PSX_20230905_182434-1024x737.jpg)
Nubwo biruko bikaba bihejeje kumenyekana ko Sat B atigeze atoroka ahubwo ko yamaze gushika mugisagara ca bujumbura.
Mbega wewe iyi nkuru ivuga ko yazimiye wari wavyakiriye gute ??
Iciyumviro on Amakuru avuga ko umuririmvyi Sat B yoba yazimiriye mugihugu ca Suède siyo.
hahahhahah biratwengeje......murakoze kuduha amakuru