July 27, 2024

Haraheze umwanya muto kumbuga ngurukana bumenyi hacanacanako inkuru ivuga ko umuririmvyi Sat B yaburiwe irengero inyuma yo gukora igiteramo kwigenekerezo ryambere(1)n’iryakabiri(2)uku kwezi kw’icenda.

Imvo n’imvano ikaba ari Post ya Dj Jackson asanzwe arongoye Label ya Bukiv Lab, ya nagize uruhara rukomeze kugira Sat B ashobore kuronka Ico giteramo co mugihugu ca Suède bakaba mbere baranajanye murico gihugu; muriyo post akaba yerekanye agashavu kadanzwe aho avuga ko aho bigeze agomba yitabarize igiporisi ca Migration

Aho ibintu bigeze ngira nitabaze #MigrationPolice ya Sweden
Kuki abaririmvyi mumeze uku
#ChuiDecu

Ibi bikaba vyashimangiwe na Kent-P Manageur wa Sat B aho yavuze ko haheze amasaha atanu adatora uwo muririmvyi

Nubwo biruko bikaba bihejeje kumenyekana ko Sat B atigeze atoroka ahubwo ko yamaze gushika mugisagara ca bujumbura.

Mbega wewe iyi nkuru ivuga ko yazimiye wari wavyakiriye gute ??

Iciyumviro on Amakuru avuga ko umuririmvyi Sat B yoba yazimiriye mugihugu ca Suède siyo.

    Jordan
    September 7, 2023

    hahahhahah biratwengeje......murakoze kuduha amakuru

    0
    0

Siga Iciyumviro