July 27, 2024

Amaze amezi arenga atandatu adasohora umuziki none yahawe 120.000.000fbu kugira aze mugiteramo mu Burundi.

0

N’umurirmvyi The Ben aho vyamaze kumenyekana ko kwigenekerezo rya 30/09 na 01/01 agiye gukora ibiteramo bibiri mugisagara ca Bujumbura aho igiteramo ca mbere kizoba ari VIP kur Golden Resort kwigenekerezo rya 30/9 hamwe nikindi cabantu basanzwe kizoba kwigenekerezo ryambere kuri Jardin Publique; Kikaba arigiteramo catunganijwe n’ishirahamwe Now Now.

Kuruno musi igenekerezo rya 05/9 hakaba hatunganijwe ikiganiro kubamenyeshamakuru munyubakwa y’ihiteri Panoramique, aho batatinye kumenyesha amahera uwo muririmvyi yahawe kugira yemere kuza mugiteramo aho bamenyesheje ko bamuhaye Imiriyoni mirongo Ine yamanyarwanda (40M frw) ayo nayo akaba angana n’imiriyoni ijana na mirongo ibiri z’amafaranga yamakurundi.

Iyi nkuru ikaba ikomeza kwamamara abatari bake bidogera ayo mafaranga yahawe ko arumurengera mugihe abaririmvyi b’abarundi batigera bahabwa amahera meza Iyo bakeneye mubiteramo.

Jean de Dieu Ntiyahakanye arongoye ishirahamwe Now Now company amenyesha ko umuririmvyi Lino G yamenyekanye cane kundirimbo Legend ariwe azoboneka kuko ariwe bamaze kuvugana abandi baririmvyi bitezwe bakazomenyeshwa hanyuma.

Mbega uri teguye kwakira The Ben ?

Ntaciyumviro kiratangwa on Amaze amezi arenga atandatu adasohora umuziki none yahawe 120.000.000fbu kugira aze mugiteramo mu Burundi.

Siga Iciyumviro