July 27, 2024

Umuririmvyikazi Natacha kuyindi ncuro mwihiganwa rikomeye hamwe n’ivyamamare muri Afrika.

0

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 nyakanga 2023 umuririmvyikazi Natacha
Ngendabanka yaronse ibakwe ryo gutorwa kugira azohiganwe n’abaririmvyi b’ibihangange mu karere mwihinganwa ryitiriwe HISKOOL Award 2023, Umuririmvyikazi Natacha akaba ariwe umuririmvyi wenyene ava mu Burundi yashoboye gutorwa kuba muri iryo higanwa akaba arikumwe n’abaririmvyi nka Jux, Eddy Kenzo, Bruce Melodie, Silver X, hamwe na Diamond Platnum muri Catégorie ya International Artist Act.

Tubibutseko Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka atari ubwambere azoba abonetse mu mahiganwa nkayo kuko amaze no gutahukana udushimwe mpuzamakungu dutandukanye uhereye kuri SICA muri Benin, HipiPo Music Awards hamwe n’agashimwe ka Rising Star Awards.
Umurundi asohotse n’Uburundi buba buserukiwe Tukaba dusaba ko abarundi bo mushigikira muri ako gashimwe ko kotaha mu Burundi.

Ushobora gutora uciye ngaha:

Ntaciyumviro kiratangwa on Umuririmvyikazi Natacha kuyindi ncuro mwihiganwa rikomeye hamwe n’ivyamamare muri Afrika.

Siga Iciyumviro