February 26, 2024
9 Vyabonye

Haraheze imisi havurwa indirimbo hagati ya Big Fizzo n’umuririmvyikazi Monia Fleur indirimbo yavuzweko cane itarasohoka, abatari bake bakaba baragarutse kuriyo Collabo bavuga ko batakunzwe ukuntu Big Fizzo yisabiye Collabo umuririmvyikazi akiza mumuziki (Up Coming) mugihe we afatwa n’umuririmvyi w’inararibonye benshi bakaba bakunze kumwita Legend.

Hakaba haheze imisi Mike habonetse amasanamu abo baririmvyi bose bari muri Studio ya Bantu Bwoy isanzwe ari y’umuririmvyi Big Fizzo, bidatwvye hakaba harabonetse amasanamu yerekana ko bariko bafata amashusho(Clip-Vidéo) y’iyo ndirimbo.

Umuririmvyikazi Monia Fleur yifashishijwe imwe mumafoto yerekana bariko afata amasanamu akaba yatangaje izina ryiryo ndirimbo kurubuga rwiwe rwa Instagram, aho yatangaje ko izoza kw’izina rya Faible akoresheje Hash Tag.

Mbega Iyo Ndirimbo ya Big Fizzo na Monia Fleur wewe uyiteguriye gute?

Ntaciyumviro kiratangwa on Izina ry’indirimbo ya Big Fizzo na Monia Fleur ryamaze kumenyekana

Siga Iciyumviro