May 13, 2024

Abantu benshi barenga amajana babandanya kwicwa n’inzara muri Ethiopia

1

abantu bababa amajana bakomeza kwicwa n’inzara muntara muri Etiyopiya mu ntara ya Tigray.bigatuma benshi babura ukwo babigenza bamwe bagata bakomoka abana batari bake nabo baramaze guhagarika amashure bakaja kurondera udukorwa bokora kugira bibesheho ivyo navyo bikabangamira kazoza kigihugu,kuko umurindi wabahagarika amashure arimwinshi bivanye nikibazo c’inzara cabaye ndanse.

tubibutse ko iyo ntara yagize ikibazo kinini cane mugihe yahitiyemwo imirwano itari mike ya Leta n’abarwanyi babanya Tigray yahitanye abatari bake ,none ubu bakaba binjiye mukibazo co guhangana n’inzara.abana barenga ibihumbi 250000 baramaze guheba amashure,abasigaye nabo bigira hanze kuruzuba kuko amashure yabomowe n’imirwano,abandinabo ntibagira naho baba .

barasaba ko Leta n’amakungu bobagarukira kugira nabo basubire kumera nkabandi.

Iciyumviro on Abantu benshi barenga amajana babandanya kwicwa n’inzara muri Ethiopia

    David
    February 21, 2024

    Birababaje
    Imana ibatabare

    0
    0

Siga Iciyumviro