May 13, 2024

Mbega nivyiza ko umukunzi wawe amenya ivyo utunze mutarabana?

1

kino kibazo kirakunda gushika kenshi hagati yabakundana ivyo bita abasheri,ariko bigatuma haba ibibazo vyuko urukundo biba vyitwa ko bakundanye ataho rubageza canke ataco rushikako.ariko ico kibazo kenshi gikunda kugira abakobwa kuko kenshi usanga bitwararika kumenya ivyo umuhungu atunze,ukwo aronka amahera,canke ibindi,bikanatuma hari abahagarika gukundana n’abandi kubera ko babonye ko yoba afise bike,canke akaronka abafise bivyinshi bigatuma bamwe bahebera benshi mumpisho ugasanga afise uwo akunda kubera amahera canke ubutunzi afise.

iyo abahungu bashatse kumenya ivyo umukobwa afise kenshi birabagora kuko abahungu usanga atanivyo bitayeho,bivanye nuko bimenyerewe ko umuhungu ategerezwa kuba afise vyinshi gusumba umukobwa.

ariko murino myaka vyarahindutse usanga hari n’abakobwa bakora kandi bafise ubutunzi bwinshi gusumvya abahungu,ariko bavuga ngo ”iyakamize ntigacira”,usanga nabo bitwararika kumenya ivyo umuhungu afise,nibake kwijana bashobora gushira hanze ivyo batunze ngo biboneke ,canke ngo ntibavyitwararike muguhitamwo umuhungu bakundana.

ubushakashatsi bwasanze abakobwa benshi basaziye muhira benshi bagiye barabenga bitwararitse ivyo bakura kubahungu bikarangira,abahungu babonye ko atari urugero rwabo bagahitamwo kubaheba.canke bigaterwa n’imiryango baturukamwo usanga yitwararitse amatunga.

ariko ibibazo biraba nkibigaruka kuko n’ubundi impande zose ntanyishu itomoye iraboneka,kuko usanga hari n’abahungu bameze ukwo baraba imiryango abakobwa baturukamwo ingene yifashe,bakaraba nukwo abakobwa ari abakerebutsi mukurondera.

musomyi nubwo tutashoboye gutanga ivyiyumviro vyose . urafise ico woshikiriza. tanga iciyumviro nawe

Iciyumviro on Mbega nivyiza ko umukunzi wawe amenya ivyo utunze mutarabana?

    Nziza
    February 21, 2024

    Ningorane

    0
    0

Siga Iciyumviro