May 13, 2024

Kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2024, ishirahamwe Care for the children Burundi, ryifatanije n’abana risanzwe rishigikira, ryaratunganije igikorwa co gutera ibiti 300 mu mashure:

2

Ecofo Mutambara II , Ecofo Mutambara III, hamwe no mukibano.

 Ico gikorwa kikaba catunganijwe muntumbero yo gukundisha abana igihugu

 Ico gikorwa kikaba cari gihagarikiwe n’abajejwe intwaro,

Abarongozi bayo mashure.

Haba abarongozi bintwaro, haba abayozi bamashure baka barashimye cane ico gikorwa Care for the children yakoze.

Umuyobozi wiryo shirahamwe, IRAKOZE Marie Chantal avugati:” twatunganije iki gikorwa kugira twigisha abana ko nabo bafise uruhara rukomeye mwiterambere ry’igihugu, mugukora ibikorwa rusangi

mugukingira ibidukikije mugusonera ikiremwa muntu no kwitaho abari mungorane” 

kuruwo wagatandatu nyene, igenekerezo rya 24 Ruhuhuma umwaka wa 2024 , Care for the children Burundi ryararonkeje amakarata yo kwivurizako  imiryango 200 yamikoro make yo mukirwati camahoro co ku Mutambara, commune Rumonge, mu Ntara ya Rumonge

Marie Chantal IRAKOZE asazwe arongoye iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu avuga ko ico gikorwa cakozwe muntumbero yo kubabarana na cane cane imiryango yamikoro make, kugirango abana babo bashobore kuvuzwa vyoroshe.

2 ivyiyumviro on Kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2024, ishirahamwe Care for the children Burundi, ryifatanije n’abana risanzwe rishigikira, ryaratunganije igikorwa co gutera ibiti 300 mu mashure:

    Joseph
    February 27, 2024

    Care for children Burundi Imana ibahezagire kugikorwa ciza mwakoze

    0
    0
    Nziza
    February 27, 2024

    Nongaha imuyinga muzohaze

    0
    0

Siga Iciyumviro