July 27, 2024

Insanganya y’indege yo mu bwoko bwa Boeing 737, yabereye ku kibuga c’indege c’umurwa nukuru wa Senegali, Dakar.

Abantu 10 bakomeretse mu nsanganya y’indege yo mu bwoko bwa Boeing 737, yaraye ibereye ku kibuga c’indege c’umurwa nukuru wa Senegali, Dakar.

Ubushikiranganji bujejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu muri ico gihugu bwavuze ko iyo ndege yahushije umurongo w’inzira, yari ihagurutse igiye I Bamako muri Mali.

Indege yagize isanganya yegukira Air Sénégal. Yarimwo abantu 85: Ingezi 79, abadereva babiri n’abakozi bo mu ndege basanzwe bane.

Biciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Ishirahamwe, The Aviation Safety Network, rikurikiranira hagufi ivy’insanganya z’indege ryerekanye amafoto y’iyo ndege yagize isanganya iri mu vyatsi, ikikujwe n’abazimyamuriro.

Imashine imwe mu zigize iyo ndege vyaboneka ko yononekaye, ishami ryayo rimwe naryo ryari ryasambutse.

Umushikiranganji ajejwe igisata co gutwara abantu n’ibintu muri Senegali, El Malick Ndiaye, yavuze ko abakomeretse baciye banyarukanwa mu bitaro, abandi nabo batwarwa mu mw’ihoteri kuruhuka.

IYONKURU BBNEWS TUKABA TUYAKESHA IJWI RYA AMERICAN

11 ivyiyumviro on Indege Ya Sosiyete Air Sénégal Yagize Isanganya Ikomeretsa Abantu 10

    Claude
    May 9, 2024

    Bihangane caaane isanganya ni accident

    0
    0
    Claude
    May 9, 2024

    Bihangane caaane isanganya ni accident

    0
    0
    Pacito man
    May 9, 2024

    Imana ishimwe ko babitayehooo bakajanwa kwa mugabga

    0
    0
    Fiston
    May 9, 2024

    Murakoze caaane kutumenyesha ibigezwehooo kwisiii

    0
    0
    Jean marie
    May 9, 2024

    Noe ga yakorotse bigenze gt hari hapfuye ikiii

    0
    0
    Samwel
    May 9, 2024

    Iyo ndege usanga yagonganye numusambiiiii icirakorokaaaa

    0
    0
    Elvis
    May 9, 2024

    Noe izo boing zose 7...+ Zagiriye isanganya rimweeee????

    0
    0
    Eloge
    May 9, 2024

    Merciiiii kudutamwo inkuru Gus imana ishimwe kwatawapfuye

    0
    0
    Ibrah
    May 9, 2024

    Mtubwire Amazina yabantu barimwo numv ko ntawiwacu arimwo

    0
    0
    Steve
    May 10, 2024

    Abagize isanganya mwihangane

    0
    0

Siga Iciyumviro