July 27, 2024

Iran: Perezida wa Iran be n’umushikiranganji w’imigenderanire wiwe hamwe n’abandi bari kumwe baraye bashengeye inyuma yo kuzimirira mu gipfungu bagatorwa indege barimwo yahiye…

0

🛑Iran: Perezida wa Iran be n’umushikiranganji w’imigenderanire wiwe hamwe n’abandi bari kumwe baraye bashengeye inyuma yo kuzimirira mu gipfungu bagatorwa indege barimwo yahiye…

Mu gihe Perezida Rais yaravuye kwugurura be na mugenziwe wa Azerbaïdjan barrage bahuriyeko y’ahitwa Haut-karabah muri Azerbaïdjan nyene, indege yarimwo yaragize igisida izimirira mu gipfungu nk’igihe c’isaha zitandatu z’umutaga. Kuberako abatabazi b’ico gihugu batashoboye kumutora inyuma y’amasaha atanu (mu ma saa kumi na mbiri), ibihugu bitandukanye vyarafashije kugira barabe ko barabe ko bobatora bakiri bazima:

Kugira biruke n’umwanya, ubumwe bwaburaya bwaciye bupfungura satellite zibafasha kurabira kw’ikarata yako karere bazimiriyemwo (imagerie satellite cartographique), igihugu ca Turukiya caciye naco kibanguka kurungika abatabara 32 n’indege zigezweho zifise n’amatara kugira zibafashe kumurika kuko igipfungu cari cinshi cane, igihugu c’Uburusiya naco nyene kikaba carabangutse mu kurungika abatabara 50 hamwe n’indege 2 zifasha muri ico gikorwa.

Mu bucagucagu niho bahavura batora imibiri y’abari muri izo ndege. Kiretse umubiri wa Perezida wa Iran, abandi bose ntibamenyekana kuko indege zari zahiye. Mu bitavye Imana rero harimwo Perezida wa Iran Rais, Umushikiranganji wiwe w’imigenderanire, Buramatari w’intara yo mu buseruko bwa Azerbaïdjan hamwe n’umu Imam wo muri Iran.

www.bbnewz.com hosted #NT Rachidi

Ntaciyumviro kiratangwa on Iran: Perezida wa Iran be n’umushikiranganji w’imigenderanire wiwe hamwe n’abandi bari kumwe baraye bashengeye inyuma yo kuzimirira mu gipfungu bagatorwa indege barimwo yahiye…

Siga Iciyumviro