October 18, 2024

Trey Zo & Rappy Boy amasezerano yo gukorana n’amashirahamwe akomeza kwiyongera kubwinshi mugihe gito.

2

Trey Zo & Rappy Boy amasezerano yo gukorana n’amashirahamwe akomeza kwiyongera kubwinshi mugihe gito.

Haraheze igihe gito bashize umukono kumasezerano yo gukorana n’amashirahamwe Beats and Creations na BuBet, aho abo baririmvyi bamenyekanye cane kundirimbo Yooh Yahavuye ikorerwa Remix bafadikanije n’abandi baririmvyi nka Double Jay, Kirikou na Dj Philbyte, kimwe muvyabonetse ko Iyo ndirimbo hamwe n’izindi bagiye Barakora munyuma bari kuzivyaza umusaruro. 

Uyu musi bakaba baraye bashize urukumu ku masezerano yo gukorana n’ishirahamwe Turel Ltd. Ishirahamwe ryiyemeje gusukura ibisagara mu kwegeranya, no guhingura kandi ibikozwe muri Plastique mubikoresho ngirakamaro, rikaba n’ishirahamwe rivuga ko rije guha akazi bantaho nikora mubisagara bitandukanye bahereye i Bujumbura. 

Ange Kessy Iradukunda ajejwe itumatumanako ry’amakuru muri Turel Ltd, ngo “Harageze yuko Abarundi bamenya yuko plastic ishobora kuvamwo umusaruro uretse yuko twama tuyita aho tubonye bigacapfuza igisagara cacu, bikanazana ingaruka mbi ku magara yacu” 

Trey Zo & Rappy Boy bakaba bashimiye ishirahamwe Turel ryabizeye muri benshi ngo babaserukire mukumenyekanisha ibikorwa vyabo, bakavuga ko ivyiza bariko baracamwo biriko biva mubikorwa bakoze imyaka n’imyaka atanyungu babona ngo ubu Imana itanguye guhezagira nibisumba ivyo bizoza. 

Mumaasezerano bashizeko umukono, Turel Ltd yiyemeje ko bagiye gufasha abo baririmvyi mu bijanye n’uguhinyanyura imiziki, canke mu gihe bazoba bafise ibiteramo, bongere babashigikire mu gihe cose bazoba bakeneye ubufasha butandukanye

Iyi nkuru Mbega uyakiriye gute? Mwumva gute? Tubakeze?

2 thoughts on “Trey Zo & Rappy Boy amasezerano yo gukorana n’amashirahamwe akomeza kwiyongera kubwinshi mugihe gito.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *