October 18, 2024

Kaminuza y’Uburundi yahamagaje abanyeshure baronse amanota angana n’ibice 50 kw’ijana n’ayarenga kuja kwiyandikisha

0
Isanamu ya Kmainuza y'Uburundi-Campus Kiriri

Isanamu ya Kmainuza y'Uburundi-Campus Kiriri

Kuva kuri uyu wa 18 gushika ku wa 25 Gitugutu 2024, ni ryo sango ryahawe abanyeshure bakoze ikibazo c’umwaka wa 2024 bafise amanota angana n’ibice 50 kw’ijana canke arenga kugira ngo baje kwiyandikisha mu bisata biri muri Kaminuza y’Uburundi, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe indero, hari kuri uyu wa 17/10/2024.

Itangazo rya kaminuza y'Uburundi rihamagarira abanyeshure kuja kwiyandikisha

Kwiyandikisha bizoca ku buhinga ngurukanabumenyi, ku rubuga https://inscriptionbac.ub.edu.bi. Umushikiranganji akaba yavuze ko ku bo bitazokundira guca kuri urwo rubuga, bazokwiyandikisha mu bibanza bitandukanye vya kaminuza y’Uburundi na ENS mu masaha y’akazi.

Mwomenya ko ibindi bisata bahamagariwe kwiyandikishamwo ari ibisata vy’ubuvuzi vyo mu makaminuza yigenga hamwe no mw’ishure nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure). Ariko ibisata vy’akarorero bizojamwo abanyeshure bazoba batoye ikibazo bagiye guhabwa vuba.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *