Bujumbura : Abakinyi 118 nibo bitabiriye ihiganwa ryo kwoga ryahuje ibihugu 5
Kuva kuri uyu wa 22/11/2024 hatanguye i Bujumbura mu Burundi, inkino zo kwoga z’akarere ka gatatu (zone 3) kagize ishirahamwe ry’inkino zo mu mazi ku mugabane wa Afrika (Federation Africaine des Sports Aquatiques). Iryo higanwa ryitabwe n’ibihugu 5 ari vyo : Uburundi, Uganda, Tanzanie, Kenya na Soudan du Sud, igihugu c’Uburundi akaba ari co cakiriye izo nkino kandi ku ncuro ya mbere.
Inyuma yo guterwa iteka ryo kwakira izo nkino, Uburundi bazanye abakinyi 28. Nayo uwuserukira ishirahamwe ry’inkino zo kwoga mu Burundi, Basogomba Cassien batazira Fantomas yavuze ko ari iteka ridasanzwe kubona Uburundi bwakiriye izo nkino, ngo naho habaye gucererwa ku myiteguro ngo bakoze uko bishoboka.
Yashimiye kandi Leta y’Uburundi yo yafashije cane ngo iryo higanwa rikunde ritegurwe neza, agashimira n’abandi bafatanyabikorwa baterereye. Akizera ko ku yindi ncuro hoho ibintu bizoba bisa neza cane.
Mwomenya ko ihiganwa ryabandanije no kuri uyu wa gatandatu, gushika ku w’Imana igenekerezo rya 24/11/2024. Iryo higanwa ryabereye kuri Entente Sportive de Bujumbura.
Uburundi dusigaye duterwa iteka
Intsinzi kuburundi
Burundi oyeeeee
Kazima batwisangiye iwacu
Soyez le bienvenue chez nous
Burundi mon pays
Karibu muri Edeni
Kudutsinda ntibishoboka
Welcome tubatsind murorera
Intsinzi kuburundi oyeee
Burundi oyeee
Intsinzi niyacu
Nkaho wosanga uburundi turakubitiw iwacu?
J mfana abazotsinda
It’s good kbx
amahirwe kubarundi
Abarundi nukuri ntibazi kwoga
Abo bakinyi ntanumwe nzimwo
Iyo nkuru iranezereje cane
Ibintu vyose biraza buke buke
jewe nukuri abarundi barantwenza
none nukuri dukore iki
ndababajwe cane nukuri niyo nkuru
muburundi bazi football
Olalala
ningorane peeeee ivyo bintu
iyo nkuru jewe ndabuze nico mvuga
abarundi nibaje muburimyi nubworozi hariho ibintu atari impano yabo
ndanezerejwe no kuba izo nkino zarabereye mu burundi
Ni ntambuko nziza igana mwiterambere rirama kandi ryagutse,,..no kurindi ncuro bizogenda neza cane.
Abo bakinyi jewe ndabemera cane
Iyo nkuru iranezereje pe
BBNEWS ndashaka kumenya ahantu mukorera kuko ndakunda inkuru zanyu
None abo bakinyi bazoja muri Jeux Olympic
abo bakinyi batuye he se ?
abakinyi 118 ni benshi peeee
Ni ntambwe ishimishije ku Burundi kandi no musi turizera ko inkino zitandukanye zizohabera hamwe nabandi bahurukiye muri EAC bazoze kubwinshi.
Niyo imyitozo bayigwiza ntakibuza ko ikibanza ciza kurusha ico baronse batazokironka.
burya harin imigwi ingana gute yinkino zerekeye kwoga?
Barakeneye imyambaro ikwiye hamwe nibikoresho vyokwitorezamwo.
Ababishiramwo inguvu ngo bigende neza bose turabakuriye ubwatsi kandi turanizera ko mu misi inkino zerekeye kwoga mu mazi bizogenda neza gose kubwimiyabaga iriko ivyitwaramwo neza.
Niyo uwo mugwi wakomeza ibikorwa ntakizobuza ko nibindi bihugu vyo muri Africa bizoza kwifadikanya natwe.
Turabakeje gose kukuntu bitanze kandi nubu bakicitanga kugira ngo igikorwa cerekeye inkino zihuza ibiguhu vyo muri Africa zikomeze kumera neza .
Igikorwa ciza nkico gikwiye gukurikiranirwa hafi no kwitabwaho kugira ngo vyose birushirizw kuba vyiza.
Urukino rwose iyo rwitaweho kandi rukurikiraniwe hafi nababitijwe kandi babijejwe ruragenda neza cane.
Umukinyi wese niyo yakorana ingoga equipe abarizwamwo izokwogrora no mumakungu ishikeyo.
None iryo higanwa rizohora riba kangahe kumwaka.
Nanje mwihiganwa rikurikira umwana wanje nzomwandikisha.
Abana bacu barakwiye kuza baritabira mwenizo nkino.
Inkino zirimwo ugwaruka zirugurura amaso abana bacu kuvyerekeye gukunda igihugu cacu.
Abakinyi 118 ko bakiri bake harakwiye kwiyongeramwo abandi bakinyi.
Uko biri kwose umusi urizina bizogenda neza hama bakomeze guserukirwa .
Mu nkino zo kwoga haracakenewe inkomezi zidasanzwe ,abahoze babikoreramwo canke bagiye muzindi higanwa barakwiye kwegera abandi.
Abanonotsi bubahwe nukuri.
Imyimenyerezo igwiriye bizofata intumbero ishimishije.
Urwaruka rukwiye kwitabirira cane inkino nkizo.
Bazoshobora gutahukana igikombe ntakibazo.
Bizogenda neza.
Biranezereza bimwe biteye ubwoba iyo igihugu cawe giteye imbere.
koga nivyo vyiwacu