Deprecated: strpos(): Passing null to parameter #1 ($haystack) of type string is deprecated in /home/u183552678/domains/bbnewz.com/public_html/wp-content/plugins/latest-posts-block-lite/src/fonts.php on line 50

Deprecated: strpos(): Passing null to parameter #1 ($haystack) of type string is deprecated in /home/u183552678/domains/bbnewz.com/public_html/wp-content/plugins/magic-content-box-lite/src/fonts.php on line 50

October 30, 2024

Angeline Ndayishimiye : “Mu kazi kose umuntu akora birasaba ko aronka umwanya ukwiye wo kuruhuka”

1
Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye

Mu ntumbero yo gihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amagara yo mu mutwe, umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye, yavuze ko amagara yo mu mutwe ari karahara mu ruganda ntibacura. Ngo kugira dushobore gushika kw’iterambere rirama ni ukwitwararika amagara yo mu mutwe. Yavuze kandi ko mu kazi kose umuntu akora bisaba ko aronka umwanya ukwiye wo kuruhuka kugira ngo amagara yiwe agume yifashe neza. Hari mw’ijambo ryiwe ryo kuri uyu wa 26/10/2024

Yongeye avuga ati : “Ni ni akaryo keza turonse ko kuyaga twese dukoranye kugira ngo duhimirizanye cane cane mu ntumbero yo gushigikira igisata c’amagara yo mu mutwe cane cane aho dukorera no mu kibano hose. Twihweje muri ibi bihe usanga umuntu amara umwanya munini ku kazi, aho aba ariko arondera icotunga umuryango, niyo mpamvu biri ngombwa ko aho ukorera aho ari ho hose hatunganywa neza ku buryo umuntu akora atekanye mu mutwe.”

Iruhnde y’uko mu kazi kose umuntu akora bisaba ko aronka umwanya ukwiye wo kuruhuka, aba akwiye no kwinonora imitsi n’ikindi kintu cose cotuma yumva ko aruhutse, ameze neza. Nayo ngo bisakenewe kugiriranira imigenderanire myiza n’abantu no kwirinda amatati yose ataco afatiyeko, iyo bishitse naho bigatorerwa umuti hakiri kare kugira ngo umuntu wese yumve ko ari ahantu hari ubuntu.

1 thought on “Angeline Ndayishimiye : “Mu kazi kose umuntu akora birasaba ko aronka umwanya ukwiye wo kuruhuka”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *