Burundi : Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ry’abigeme ku ncuro ya 4 rizokwitabwa n’ibihugu 10

7
Ingene ibirori bitunganijwe

Ingene ibirori bitunganijwe

Mu Burundi hagiye kubera ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa ku makinga ry’abigeme ku ncuro ya 4 (4è édition du tour cycliste international féminin du Burundi), iryo higanwa rizoba ririmwo ibihugu 10. Iryo higanwa ritegekanijwe gutangura ku wa 10 gushika ku wa 16 Munyonyo 2024. Vyashikirijwe na Iryumugabo Patrick Arnaud arongoye ishirahamwe ryo kwiruka ku makinga mu Burundi kuri uyu wa 6/11/2024 mu nyubakwa z’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo inkino.

Abari bitavye iryo tanguzwa icese c'iryo higanwa

Ivyo bihugu vyatumiwe muri iryo higanwa ni : Burkina Faso, Sénégal, Ethiopie, Maroc, Sierra Léone, Uganda, RDC, Kenya na Bénin. Nayo ibihugu bizoba bije ubwa mbere akaba ari Burkina Faso, Sénégal, Ethiopie, Maroc na Sierra Léone. Ikindi n’uko igihugu ca Uganda kizoserukirwa n’imigwi 2.

Kuri uyu wa 8 Munyonyo 2024 bitegekanijwe ko ibihugu nka vyose bizoba vyamaze gushika, nayo ku wa 9 Munyonyo 2024 hategekanijwe inama ya bose kugira basigurirwe ibijanye n’iryo higanwa. Mwomenya ko iryo higanwa rizohera i Nyakararo, babandanirize i Gitega, hama mu Cankuzo, bace baja i Muyinga barangirize i Gitega.

7 thoughts on “Burundi : Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ry’abigeme ku ncuro ya 4 rizokwitabwa n’ibihugu 10

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights