Burundi : Mbega imirwi ndangakaranga hari ico iriko irafasha mu gusasagaza imico murwaruka?
Mu Burundi, imirwi ndangakaranga irafasha mu gusasagaza imico mu rwaruka. Twaraganiriye na bamwe mu bagize imirwi ndangakaranga baratuyagiye uko babibona. Bagize bati : “Hambavu yo gukorera agafaranga, imirwi irafise ico iterera mu kwigisha urwaruka indero kama”.
Héritier Nihorimbere arongoye umurwi ndangakaranga Imararungu yagize ati : « Hambavu yo kwigisha imvyino n’intambo vyaho hambere, imirwi ndangakaranga iratanga n’impanuro dukura mu vyese vyakinwa aho hambere. Imigani n’ibitito vya kera birimwo kirazira nyinshi ivyo bigatuma urwaruka rukura ruzi uko rwokwigenza mu buzima bwa misi yose badataye umuco.
Edwin Kambayeko yahoze ari mu mirwi ndangakaranga agira ati : «Ku bwanje mu mirwi ndangakaranga nahigiye vyinshi, narashoboye kumenya imizi y’inkomoko yanje, ndamenya uko ba sokuru bari babayeho. Hariho imvugo nyandiko ntari nzi ico isigura ariko maze kuja muri iyo mirwi ndakaranga narashoboye kumenya ico iyo mvugonyandiko isigura, mbere benshi ubu hariho abatemera ko mvuka ibujumbura kubera ikirundi co kwitsitso mvuga. » ariko nawe nyene nti yasize inyuma ko muri iyo mirwi ndangakaranga bahakura FBU.
Tite Iradukunda, arongoye umurwi ndangakaranga “Indangaburundi” agira ati : « Urwaruka rwinshi ruza mu mirwi ndangakaranga, ruba ruzanywe n’ibi bikurikira : gukunda akaranga, agakuku k’urunganwe, gukunda amafaranga, abashaka abakunzi eka ndetse n’abakunda inyambaro kama. »
Yabandanije agira ati : « Muri iyo mirwi yose haravamwo abaheza bakabikunda kandi bakabigendera ariko kandi tudasize inyuma n’agasabuni baronka. Ivyerekana ko babigendera mu kibano, ni intahe zabavyeyi babo baza batubwira ko umwana wabo yahindutse atacitwara nk’uko yitwara kera, ndetse asigaye yambara akikwiza. »
Hagati aho, mwomenya ko umurwi ndangakaranga “Indangaburundi” ufise igiteramo citiriwe “ICAMURO” kizoba kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2024 ku kibuga c’urukino rwa Basketball citiriwe département.
Ndabakunda disi
Courage
Bakwiye kugaruka kumico kama y’uburundi
Aba nyene mubona batamba aho harimwo abatari abakobwa ari abagore
Karabaye ntakaranga kagihari
Abo bakobwa ntanubwo ari beza
Akaranga imbere ya vyose
Wow
That’s graed
Akaranga kari aka kera nayo ubu ni igisirimu gusa cigendera ni bake babikurikiza bagira copier coller ivyo mumahanga.
Akaranga kari aka kera nayo ubu ni igisirimu gusa cigendera ni bake babikurikiza bagira copier coller ivyo mumahanga.
Nukuri imico nakaranga irakwiye kwama ishirwa imbere kubera niyo ituma twitwa ABARUNDI.
akaranga ni keza
iciza nuko harimwo ivyana bitagase kln
gsaa ubu indirimbo ndangakaranga ntabwo bakiziha agaciro kln
imico ndangakaranga yakera irimo guta agaciro kabisa
harakwiye kugarukanwa indero yakera kln
c’est bien vrema nivyo gushima
imirwi ndangakaranga irarera bishimishije pee
abana bacu dukwiye kubashira mumirwi ndangakaranga kugira bakurane indero nziza
kabisa kln
nivyo gushima kabisa
harakwiye kugwiza iyo mirwi igakwira hose mu GIHUGU
urwaruka rurakwiye guhurumbira ivyo bintu
Igihugu ntikizoreka gutera imbera ngo nkbera imirwi ndangakaranga idahari
BBNEWS ntaco mutazotubwira kabisa
nibaje mwihunja
aba jeune barakwiye kijukira ivyo bintu kabisa
komereza aho vrema nisawa
hejuru cane kabisa
gsaa ntitukicumva indirimbo zabo kabisa
muri kugikorwa ciza cane
nibarabe babuhagarike vyose tujane niterambere shahu
ariko vrema zamujana numwanya ivyo ntibigiharawe
abana bacu nukubakundisha imico nakaranga vyigihugu
harakwiye kwigishwa mumashure ivyimico ndangakaranga
Za muvuga nivyabasani kln
Harakwiyee kwijukirwa ibyo bintu vrema
Birakwiye no kuja muvyirwa vyo mumashure
Ivyo bintuu nisawa kabisa
Muzobaa muraba ko bitazongera ivyo
Muzee muniga imico yo mubindi bigugu
Ingingo yo kuvyiga mumashure irakenwe
Ivyoo noe nibikii?
Abavyeyi murakwiye guhurimbira akaranga
Ivyo bintuu ntivyoroshee nagato
Hazozaa ibindi birusha ivyo kln
Nindirimbo Zabo zirakwiye kuvuzwa hose
Vyotera imbere gte kand haharawe uzaba start
Za muvuga ibijanye nigihugu
Ico tukundira akaranga nuko hariyo abakobwa batagase
Njee imbere yuko ndondera umugore niyo nzoja kln
Abagore bakwiye kuva Aho nyn kabisa
Nukugarukira akaranga ka kera
Reta irakwiyee kubijamo kabisa
Akaranga gasubiye inyuma nigihugu kirasubira inyuma