Ihiganwa Miss Burundi mw’ishusho nshasha n’ikirango gishasha
Kuva aho ishirahamwe Ingo Magazine ritsindiye isoko ryo gutegura bushasha ihiganwa Miss Burundi, ryamaze gushira ahabona ikirango (logo) gishasha kigiye kuranga iryo higanwa. Kuva kuri uyu wa 22.12.2024, haratangujwe mbere n’izindi mbuga ngurukabumenyi nshasha zizocako amakuru yose avuga ibijanye n’iryo higanwa.
Ico kirango gishasha kirangwa n’umwigeme yikoreye urugori hejuru y’umutwikiro, yambaye ibikomo n’umutamana ufuka gushika mu gikiriza. Aho ni mu gihe abatari bake babona ko ico kirango ataho gihuriye n’uburanga bw’umwigeme w’umurundi ndetse ko bitajanye n’iryo higanwa rya Miss Burundi.
Iruhande y’ikirango n’imbuga ngurukanabumenyi zahinduwe, batanguje nshasha. Aho twovuga nk’urubuga X. Abatunganya Miss Burundi bakaba bamenyesheje ko batashoboye kuronka uburenganzira bwo gukoresha imbuga zahahora kugira babandanye kuzikoresha.
Inyuma y’ivyo vyose, abatunganya Miss Burundi bongeye gushimira abariko baratanga ivyiyumviro bose kandi ko ivyiyumviro bizoba vyiza bizoshobora gukorerwako. Ubu ku rubuga X, Miss Burundi bakoresha urubuga (@_MissBurundi)
Ingo magazine barabateye iteka
Nizera ko bizogenda neza
Vyiza cane
gusa jew nama nibaza nigiki mwisunga mugutora miss?
reka turabe ukuntu bazobikora
Bakore bagabanye amajambo
Ntaco batazokora abo nabashingantahe pe
mumfasha gutahra ikintu
botubwira kuko mbambona bincanga gose
nibangaaa 😂😂😂
bisunga ubwiza ntakindi
nimba arubwiza chr wanje azohora ayoboye
mutampenze ubwiza bwa kelly burihe?
kelly ni bajou nukuri
ivyuburundi nikibazo pe
canke urya nuko ari diaspora
uzoba umbwira ivyacu
ntabwenge canke ubwiza ahubwo uwubiba bivana nibyari
ntaco novuga kurivyo pe ariko biteye ikibazo
bitwayiki ? ese ntimwondekera kelly wanje
nibategure nivyiza
nzobabwira ivya miss niyagera jewe kuko ndabiziho vyishi
Ndabizi neza kwari amanyanga yigendera
bikomez kuza nabi cane
none muburundi vyose namanyanga ?
miss burundi ntamanyanga arimwo
Amanyanga yabonetse kuri kelly
ebana ndumva ari sawa nukuri
Ndumva niciyumviro ciza cane kandi uwuzoba uwambere azoba ahiriwe cane
Gusa uwo wanyuma bazomuha amahera make cane nibarabe bamudugirize naduke
Iryo higanwa nzoza kuraba uko bimeze ndabe uwo mukobwa azoba uwambere mwiza
None iyo Voiture electric azoza arayi charga hehe? ko mbona namatara aguma acika
Mbega amatariki bizotangurirako nayage?
Mbega ntahiganwa ryabahungu beza riraza?
Ingo magazine ndumva bararonse marche nziza kandi nizera ko bazobikora neza kand azoba Event
Iyaba mfise umwana wanje wumukobwa nanj nomutwara mwayo mahiganwa akagerageza amahirwe yiwe
Ayo mahera nibapfume bayatwara muburimyi nubworozi bareke kuyakoresha ivyo bintu bitagira akamaro
Ndifuza kubona iterambere mu gihugu canje mumpande zose nibisata vyose
Ndashaka kumenya aha i Bujumbura bazotora abakobwa bangahe?
ndabona abazoja muriryo higanwa bazoronka inoti iboneka kabisa
twitege ibintu bitagase kabisa
aho abandi bafise agashavu kubera bataritsindiye iryo higanwa
Gusa nabafise imyaka 25 bari kubashiramwo kuko hariho abakobwa ba 25 ans beza cane
Umukobwa azoba uwambere turizeye ko azoba abereye pe kandi Jimbere Magazine ndizera ko bazobikora neza cane
Ndazi neza ko bazotora umukobwa wizobe kuko mwiyi misi abakobwa birabura baravuye kuri page
Jewe nzogira ico mvuze abo bakobw bamaze kubatwereka ubu ntakajambo novuga
Vyoba bibabaje hamwe ihiganwa ryojamwo ibiturire Kandi ari ihiganwa tumara umwaka wose turindiriye
Nzoba ndimwo nibandindire barabe.
Miss Burundi ndizera ko natwe abasangwabutaka azotwibujka.
Ingo Magazine muzotume basi mumpa ndabafatire trépied canke Godox Iyo marché irarenze sana.
Iryo shusho rya MISS BURUNDI mumbonera ari Umu Zimbabwe canke ??kumengo aronze gose.
Impanuro za gusa,Abatazi kugendeza ibirato birebire ndabinginga nimbabazi zimana ntimuzojeyo ngo mutumaramaze kuko vyama vyabaye no kubasirimu.
Ihiganywa ryo gutambuka nimyigaragamvyo rizoba ritovye ndavyumva.