Umuhari M23 ngo ntuzitabira ibiganiro bihuza RDC n’imihari yitwaje ibrwanisho

65
m23

Umuhari wa M23 waraye utangaje ko utazitabira ibiganiro bihuza ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (DRC) n’imihari yitwaje ibirwanisho, vyubakiye kuri gahunda ya Nairobi. Ivyo biganiro vya Nairobi vyatangujwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) muri Ndamukiza 2022. Uhuru Kenyatta ni we yagizwe umuhuza wavyo.

Abahagarariye M23 bigeze kuvyitabira gusa birukanwamwo na RDC, bagirizwa gutera intambara mu karere ka Rutshuru. Ariko bo barabihakanye, baca bavuga ko ari urwitwazo rwo kugira babakuremwo.

Mu biganiro bibera i Luanda, Angola n’Urwanda basavye RDC kuganira n’umuhari M23. Umuvugizi wa M23 ku rwego rwa politike, Lawrence Kanyuka, kuri uyu wa 20 Kigarama 2024 yatangaje ko kugira ngo ibibazo vyo mu biseruko bwa RDC bikemuke, uwo muhari ubanza kuganira n’ubuyobozi bw’ico gihugu ibiganiro bitomoye kandi birimwo ukuri.

Mu majambo yiwe yagize ati : “Umuryango wacu ushimangira ko wiyemeje guheza intambara yo mu buseruko bwa RDC mu mahoro, biciye mu biganiro bitomoye kandi vy’ukuri na Reta ya Kinshasa, bigakuraho impamvu y’inkomoko yatumye iyo ntambara iba.”

Kanyuka yavuze ko umuhari M23 utazokwitabira ibiganiro bihuza Reta ya RDC n’indi mihari. Mwomenya ko uwo muhari wa M23 wanse kwitabira ivyo biganiro mu gihe ukomeje gufata ibice vyinshi mu karere ka Lubero.

Inyishu y’ibibazo biri muri Congo ni ibiyago hagati ya M23 na Reta ya Congo.

65 thoughts on “Umuhari M23 ngo ntuzitabira ibiganiro bihuza RDC n’imihari yitwaje ibrwanisho

  1. Intambara ihezwa nikiyago hakabaho guheberanira kuneza y’abenegihugu si non ivyo nimyaka ijana yohera bakibirimwo

  2. intambara yo muri congo sinibazako izohera kuberako banse ibiganiro knd hanini inyishu iva mubiganiro nyn reka turindire turabaho bizoherera

  3. intambara yo muri congo sinibazako izohera kuberako banse ibiganiro knd hanini inyishu iva mubiganiro nyn reka turindire turabaho bizoherera

  4. reka tuvyite kudatahura kuko ntivyumvikana ukuntu wogwana cnke wogwanywa nuwiwanyu nibintu bitumvikana

  5. reka tuvyite kudatahura kuko ntivyumvikana ukuntu wogwana cnke wogwanywa nuwiwanyu nibintu bitumvikana

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights