RDC : Umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yaraye ahinduye uwurongoye igisirikare FARDC n’abandi bayobozi bakuru
Kuri uyu wa 19 Kigarama 2024, umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC) yaraye ahinduye umukuru w’igisirikare c’igihugu (FARDC) n’abandi bayobozi bakuru. Lt Gen Christian Tshiwewe Songesha yahora ari umukuru w’ingabo za RDC kuva muri Gitugutu 2022 yasubiriwe na Jules Mbanza Mwilambwe yadugijwe kw’ipete rya Lieutenant Général, uwahora ari icegera c’umuyobozi w’ibiro bijejwe igisirikare mu ngoro y’umukuru w’igihugu, akaba yari ajejwe cane ibikorwa vya gisirikare n’ubutasi.
Abandi bashizweho nk’uko vyemejwe mw’itangazo ryaciye kw’iradiyo n’imboneshakure nkuru y’ico gihugu, RTNC, Lt Gen Tshiwewe yagizwe umujenama wa Perezida Tshisekedi mu vya gisirikare. Lt Gen Ichaligonza Nduru Jacques yagizwe icegera c’uwujejwe ibikorwa vya gisirikare n’ubutasi. Yasubiriye Gen Maj Jérôme Chico Tshitambwe.
Abandi bayobozi bashizweho ni bande?
Gen Maj Chico yagizwe umuyobozi wa zone ya gisirikare ya mbere, ihuza intara ya Kinshasa, Kwango, Kwilu, Mai-Ndombe, Kongo Central, Equateur, Mongala, Nord-Ubangu, Sud Ubangi na Tshuapa. Uwo musirikare yari yarahawe ibikorwa vyihariye vyo kuyobora ingabo ziri ku rugamba rwo kurwanya umuhari witwaje ibirwanisho wa M23 mu ntara ya Kivu ya ruguru.
Lt Gen Pacifique Masunzu yagizwe umuyobozi wa zone ya gatatu muri FARDC, ihuza intara ya Kivu ya ruguru, Kivu y’Epfo, Maniema, Ituri, Tshopo Bas-Uélé na Haut-Uélé. Nayo Gen Maj Makombo Muinaminayi Jean Rogr yagizwe umuyobozi w’urwego rw’ubutasi, Brig Gen Malume Oderwa agirwa umuyobozi ajejwe ibikorwa vya gisirikare, Brig Gen Mbuyi Tshivuadi agirwa umuyobozi ajejwe ubutegetsi bw’igisirikare.
Mwomenya ko Tshisekedi ahinduye izo ngabo, mu gihe abarwanyi ba M23 bakomeje kwigarurira ihuriro ry’ingabo za RDC ibice bitandukanye mu karere ka Lubero. Uko gutsindwa kukaba ari nakwo kwatumye Lt Gen Tshiwewe na Gen Maj Chico, basabirwa gusubirizwa.
Abobantu bose bahinduriwe rimwe kwaribenshi cane Imana itabare Congo
Congo nabonyene barageramiwe vyukuri.
Ntivyoroshe abategetsi iyimisi Bari guhindura inzego kubwinshi.
Nibaza ko Yabikoze aravye neza na neza uko ibintu vyifashe kandi yifuza iterambere ryigihugu ciwe
bihangane cane kweli
vyarabananiye kabisa
Ibindi bihugu ntamikino nukuri
kabisa udekonye ubugiye
muvyukuri ibihugu bishaka iterambere niko bigenda
Natwe barabarembeje nukuri
vyiza abatabishoboye urabakuraho nivyo vyiza
Nivyiza cane
Jewe simbesha icompa gutwara uwozana ubugoryi mukazi yoba agiye
yabonye ko vyabananiye ahisemwo kuvyifatira muminwe
CONGO ikibazo cinyeshamba carabananiye ngira niyompamvu bagiye
ivya Congo nikibazo nukuri
ivyiza nuko bogabanya icokintu cotera umutekano muke
ndizerako abanya Congo barahimbawe niyi ngingo.
Conga ivyayo vyarananiranye
Ningingo nziza cane kandi birashimishije cane gose
CONGO Iragowe nukuri
Burya guhindura umuntu atwara igisirikare sikintu coroshe
Ndifuza kubona amahoro muri congo
Birumvikana cane ko yomuhindura kuko intambara zabaye nyinshi cane
Kumbe sinarinzi ko umukuru wi igihugu afise ububasha nkubwo
Uwo mushasha arashoboro guhindura ibintu ugasanga haragarutse amahro muri Congo
Umukuru wi igihugu ca Congo nakomeze gutwara igihugu neza
Impamvu yose yoba yatumye afata iyo ngingo nizera ko ari impamvu nziza pe