Arsène Bucuti : Intumbero ya Vital’O ni ugutahukana ibikombe vyose bikinirwa mu Burundi
Intumbero ya Vital’O ni ugutahukana ibikombe vyose bikinirwa hano mu Burundi harimwo ihiganwa rikuru rya Primus Ligue, ikindi ni ugutsinda Bumamuru tubatsindiye iwabo kandi ibitsindo bitari bike. Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe kuri uyu wa 07/11/2024, n’umuvugizi wa Vital’O, Arsène Bucuti igihe yatanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku rukino rudasanzwe bafise bagiye guhura n’umugwi wa Bumamuru kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10/11/2024.
Yamenyesheje kandi Ibiciro vyo kwinjira, kugira ngo borohereze abakunzi b’imigwi yose, ibiciro bimeze gutya : Mu kibanza gisanzwe ni ibihumbi bitanu (5.000 Fbu), mu kibanza c’iteka (VIP) ni ibihumbi cumi (10.000Fbu) nayo mu kibanza c’iteka cane (VVIP) ni ibihumbi mirongo ibiri (20.000Fbu).
Mwomenya kandi ko Icimpaye Abdul, umukuru w’abafana ba Vital’O yavuze ko uwo musi abashaka kugenda kurorera uwo mupira bazohurira mu Bwiza ahasanzwe hari icicaro gikuru c’abafana ba Vital’O isaha 9h30 nayo guhaguruka bakazohava 11h00. Igiciro co kugenda no kugaruka ni 15.000 Fbu.
gerard nzakaha
Vital’o ni umugwi mwiza kandi wakarorero.
Ko mufise IMBONO vyose bizofata intumbero vraiment kubera mumaze kwiha iryo hangiro nibindi biragenda neza.
Vital’o Kure cyane niho tunipfurije