Burundi : Ishirahamwe ry’abanonotsi ryagiraniye amasezerano yo gukorana n’ishirahamwe ry’ubwishingizi UCAR

1
_MG_9414

Ku mutaga w’uyu wa 25/10/2024, ishirahamwe ry’ubwishingizi UCAR, ryagiraniye amasezerano n’ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi. Bakaba bagiye gukorana mu gushigikira inkino. Ivyo bibaye kandi mu gihe himirije ihiganwa Run Buja ryama ritunganywa buri mwaka, uyu mwaka rikazoba kuri uyu wa 27 Gitugutu, guhera igihe c’isaha zitatu (9h00), rikazobera mu Kinanira, muri bataillon para, rikazitabwa n’intara zose nk’uko vyama.

Ishirahamwe ry’ubwishingizi UCAR niryo shirahamwe rifise umutahe munini kandi rikaba ritanga ubwishingizi butandukanye hama ku bantu canke ku bintu. Umuyobozi mukuru wa UCAR, Gahungu Rénovat, avuga ko ubwishingizi ari ubuzima kuko mu kibazo cose wogira mu buryo bwose, ufise ubwishingizi kanaka, uguma wafashijwe.

Nayo kuri Amb. Dieudonné Muvuduka, arongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi, arashimira cane UCAR narirya bagiye gukorana cane mu bijanye n’inkino, ivyo navyo bikazofasha gutuma abantu bamenya UCAR gusumba uko bari bayizi. Akavuga kandi ko bibaye inyuma y’aho bari basanzwe bakorana n’ubuserukizi bwa Nigeria mu Burundi.

1 thought on “Burundi : Ishirahamwe ry’abanonotsi ryagiraniye amasezerano yo gukorana n’ishirahamwe ry’ubwishingizi UCAR

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights