Yagiye gupakirira abantu ahatari igituro kugira abarihishe menshi igipolisi kiba cahashitse
Ku muhingamo wo kuri uyu wa 23/12/2024, hari umushoferi asanzwe anyonga imodoka yo mu bwoko Otraco, yagiye gupakirira abantu mu Ngagara Q5 mu ntumbero yo kirihisha amahera arenga, abo bantu bari bagiye Kayanza-Ngozi. Abantu batanguye kwinjira, nyene kugendesha iyo modokari yagiye abona igipolisi kimuturako amaguru. Mu kwisigura aca avuga ko ariko arihisha igiciro kizwi na Reta.
Bimaze kugenda uko, igipolisi categetse uwo agendesha imodoka hamwe n’uwumufasha, kwururutsa abantu hanyuma barihe amahera azwi na Reta. Baca bamutegeka kubataburira agapapuro (reçu) kemeza ko barishe.
Mwomenya kandi ko muri iyi misi mikuru, abatari bake bariko bikika mu kiza mu kuduza ibiciro. Ariko abajejwe intwaro bagahanura abagendesha imodokari kwunguruza abantu ku biciro vyashinzwe na Reta.
Musomyi muri iyi misi mikuru kwiyunguruza biraborohera?
nibabahashe kuko bararenganya cane abenegihugu
abo nabasuma bigendere
Gusa baribeshe pe
bagire kudutwara nabi bongere kuturihisha meshi .nukuri birababaje cane
babahagurukire uko nyene
Nibagerageze kwubahiriza ibiciro bizwi na leta
Aba chauffeur nibareke kwikika mukiza c’imisi mikuru
Muvyukuri birateye isoni gukura bus muri parking kugira upakirire amahera ari hejuru
Ako n’akamaramaza
Iryo nibara
Nibareke kwikika mukiza baduza ibiciro.
Ebana nikibazo ibintu vyokwiyunguruza
Erega bari kuyariha ayoyari kubaca yose
None yobamureka akironderera amahera
Ebana yarakoresheje ubushapu
Mwiyi minsi nukuru nikibazo
Ebana nubwo boduza mugabo zikanaboneka
Ziriho hoho baduze zanabonetse
None konabagise nyamiduga baciye bazinyegeza
None konabagise nyamiduga baciye bazijana
Nikibazo ibintu vyakino gihe
Jewe nashaka kuduga mugabo nabuze imodokari
Ahubwo ubu barihishe ayobashaka
Ebana vyose biva ahantu hamwe
ndizerako vyishi cane biriko bihinduka
uku kuntu ibintu izego zahagurutse birateye igomwe
None atabitoro bategerezwa kuzimba
ubu_ ninzoga igiciro nicakindi nyene
turabashimiye cane nukuri
Icobita kwubaka igihugu nivyo turimwo ubu
Nihatari nukuri ibintu aba chauffeur bakora ahubwo nukubacunga neza
Bakomeze kubahana nukuri kuko birarenze
ikindi ukuntu badutwara navyo bovyigako kuko tugenda twicaranyeko
birya bintu batabiravye neza hazobaho igihe muzobona harumuntu yapfiriye muri bus
barigeze kuba babifatiye ibihano sinzi ukuntu vyahindutse.
none kuberiki ubu bidakwirikizwa
birababaje nukuri nkabakenyezi bibungenze barakarigwa cane mubihe nkabirya
nkimodoka zija carama zizokora ibara
nugusenga nukuri kuko haribintu usanga bigoye kwakira
none ndabaza ntaba police mwibarabara baba bariyo?
niho baba bari nukuri
vyose biterwa niribura ryibitoro
harukuntu babigenze nyene
ewana bigumye nkuko bimeze ntitworica basi
none gabasha ntibobareka barinze bemera kwinjira
ukwokuntu nyene nikwo bogarukira
ebana abobantu yarajanye babaye bitomboreje kukuntu harabazibuze izibadugana
None mbaze mwicara gute kandi mubonako murenga
asha mwinominsi mikuru umuntu aduga ruguru ndamuririye basi
je ndabona bizoduhanga kabisa
hama wanke kwinjira ucurara muri ville
njembona none tugirente
reka ahubwo twihereze imana
ahubwo uwo mu chauffer yubahwe nimesha
erega nta esase ihari niyompamvu bategerezwa kuzimba
bisa umutima wokwihangana tuuu
erega barabatahura nabo sibo ninzara
impamvu bazimba nikobera baba babona abashaka imodokari yokuduga ari benshi
Bino bihe bizoshira umwùmwe wese mu kibanza ciwe vraiment…
rega nabo birabagora baba bakeneye agafaranga ko mu minsi mikuru
nibabareke baduze kuko nibintu vyaraduze
muribazako ivyo bintu vyohagarara bigenze gute?
rega nigihugu cacu kirabifisemwo uruhara
ibi bintu jewe mbona bitazodusiga turi bazima kweri
kuki batabafatira ibihano bikwiye
aba bantu bariheba ahubwo kweri
ahubwo aba polisi nibarabe baze baritemberesha kubituro kugira batuze iyo ngeso
ibi bintu ntituzobivamwo ndabarahiye