Yagiye gupakirira abantu ahatari igituro kugira abarihishe menshi igipolisi kiba cahashitse

68
DSC_0046

Ku muhingamo wo kuri uyu wa 23/12/2024, hari umushoferi asanzwe anyonga imodoka yo mu bwoko Otraco, yagiye gupakirira abantu mu Ngagara Q5 mu ntumbero yo kirihisha amahera arenga, abo bantu bari bagiye Kayanza-Ngozi. Abantu batanguye kwinjira, nyene kugendesha iyo modokari yagiye abona igipolisi kimuturako amaguru. Mu kwisigura aca avuga ko ariko arihisha igiciro kizwi na Reta.

Bimaze kugenda uko, igipolisi categetse uwo agendesha imodoka hamwe n’uwumufasha, kwururutsa abantu hanyuma barihe amahera azwi na Reta. Baca bamutegeka kubataburira agapapuro (reçu) kemeza ko barishe.

Mwomenya kandi ko muri iyi misi mikuru, abatari bake bariko bikika mu kiza mu kuduza ibiciro. Ariko abajejwe intwaro bagahanura abagendesha imodokari kwunguruza abantu ku biciro vyashinzwe na Reta.

Musomyi muri iyi misi mikuru kwiyunguruza biraborohera?

68 thoughts on “Yagiye gupakirira abantu ahatari igituro kugira abarihishe menshi igipolisi kiba cahashitse

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights