Igitigiri c’abarundi kingana n’imiriyoni 2 bivurwa ko bagwaye malaria kuva muri uno mwaka wa 2024.

2

Igitigiri c’abarundi kingana n’imiriyoni 2 bivurwa ko bagwaye malaria kuva muri uno mwaka wa 2024.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Pierre Sinarinzi arongoye umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya Malaria.Ivyo bikaba vyabaye  kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi 2024, i Bujumbura, mu ntumbero y’ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya malaria, aho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatunganije uruganda kubimenyeshamakuru kugira basigurirwe uruhara rwavyo mugufasha abanyagihugu gutahura ivy’ingwara ya Malaria nkukungene ifata ,ibiyitera ,ibimenyetson vyayo nukungene twoyikingira

Sinarinzi uwurongoye uwo mugambii w’igihugu ashimangira avugako avugako iyo ngwara ya malaria iza mukibanza cambere muzihitana abantu benshi kw’isi yose no mu Burundi harimwo. Agasaba aBanyagihugu bose ko boyirinda mukuryama mumusegetera urimwo umuti wica imibu, iyo bumvise n’aho bafashwe ko bonyarukira ku kwa muganga ahari amavuriro abrgereye abegereye kugira bavugwe hakiri kare batarasinzikara.

Dufatiye ku gitigiri c’abantu bafa kw’isi bishwe na malaria mu mwaka wa 2023 abashika imiriyoni 228 bararwaaye iyo ndwaraa abashika abantu 6000 000 benshi bafa bakaba bari abana badakwiza imyaka itanu.

Nayo icerekeye ibimenyetso tukabamenyesha ko iyo ngwara itangura kw’ibonekeza inyuma y’imisi 10 canke 15 umubu uhejeje kukurya. Bikagaragazwa kandi n’ugushuha birenze,kumeneke umutwe,gusesemwa n’ukuyorwa ivyo iyo utanyarutse kwegera muganga bigatuma umuntu aremba n’ugupfa agapfa .

Tukabamenyeshako iyo ngwara umurwayi wese ashobora kuyikingira akoresheje umusegetera urimwo umuti ivyo bigatuma hagabanuka irwirirana ryabahora bapfa bishwe niyo ndwara.

Tukabamenyesha yuko iyo ndwara irihose haba mu buundi no mubihugu vyo hanze ariko hakaba higaragaza intambamyi zitari nke zituma iyo ndwara bigorana kuyirwanya ngo ituzwe burndu nkakarorero hari ukungene ubumara buterwa niyo mibu burinda cane umuti ujejwe kubugwanya ugasanga imiti ntibaye ikigira ubushobozi bwo gukia iyo ndwara burundu nihamwe usanga umuntu yakiwe ariko mumisi mike akaba asubiye gufatwa n’iyo ndwara .Ikigira kabiri iyondwara nyene irashobora guca igusigamwo ubundi bumara bwizindi  ndwara bigatuma ikomeza kuremba .Ikigira gatatu turasanga iyo miti ijejwe kuvura malaria igoye kuboneke niyo ibonetse naho ugasanga irazimvye bigatuma umurwayi ashobora kutaronka amahirwe yokwivuza iyo ndwara .

Tugasaba ababijejwe igisata c’amagara y’abantu gufata mu ntoke ico gisata guhamagarira abanyagihugu kw’ivuza iyo ndwara nokubatunganiriza mu buryo bwo kuronka iyo miti vyoroshe bitarinze kubagora .

Justin Niyubahwe .BB NEWS .

2 thoughts on “Igitigiri c’abarundi kingana n’imiriyoni 2 bivurwa ko bagwaye malaria kuva muri uno mwaka wa 2024.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights