Ninde azotahukana intsinzi muri El Classico?

0
Ancelotti, umumenyereza wa Real Madrid na Hansi Flick Umumenyereza wa FC Barcelona

Ancelotti, umumenyereza wa Real Madrid na Hansi Flick Umumenyereza wa FC Barcelona

Umurwi wa Real Madrid na FC Barcelone bazokina urukino rwabo kuri uyu wa 26/10/2024, abatari bake bakibaza uwuzotahukana intsinzi, narirya iyo migwi yaraye yerekanye ko yose ishoboye. Ivyo bibaye kandi inyuma yaho abakinyi b’iyo mirwi bakomoka muri Brésil, berekaniye ubushobozi budasanzwe mu gutsinda ibitsindo 3 imirwi bakinye mw’ihiganwa rya Champions League.

Ku wa 22, Real Madrid yatsinze 5 kuri 2 vya Dortmund, harimwo 3 vya Vinicius Junior. Mw’ijoro ryakeye naho FC Barcelone yaraye inyagiye umugwi wa Bayern Munich ibitsindo 4 kuri 1 harimwo ibitsindo 3 vya Raphihna.

Iruhande y’ivyo, umugwi wa Real Madrid umaze gukina inkino 42 udatsindwa muri Laliga (ihiganwa rikuru rya Espagne), hamwe Real Madrid yotsinda urwo rukino bazoca banganya inkino na Barcelona yigeze gukina inkino 43 idatsinzwe.

Real Madrid bazokina batagira umunyezamu wabo mukuru Thibault Courtois hamwe n’umusatirizi Rodrigo Goes. Igihe mugenzi we Barcelona nawe afise abakinyi bahora mu mvune bagarutse, aho twovuga uwitwa Gavi yari amaze amezi hafi 11 ataboneka mu kibuga.

Musomyi iruhande y’umugwi ukunda kubwawe ubona arinde azotahukana intsinzi?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights