Ubushinwa bugiye kuzohora buha uburyo abasore bakwije imyaka yo kwubaka izabo

62
Isanamu ya bamwe bashaka kwubaka urwabo

Isanamu ya bamwe bashaka kwubaka urwabo

Guha amahera abasore bakwije imyaka yo kurongora, gutangira inkwano abasore batishoboye bashaka kwubaka izabo no guha arya amahera yo ku mugoroba abasore bagiye kuresha, n’ibindi. Ni bimwe Leta y’Ubushinwa itegekanya gukora mu guhangana n’ikibazo c’igabanuka ry’abantu.

Isanamu ya bamwe bashaka kwubaka urwabo

Igabanuka ry’abantu mu Bushinwa ni ikibazo gikomeye gihangayikishije ico gihugu. Mu mwaka wa 2024, abashinwa biyandikishije basaba kurongora bashika ku miriyoni 4.74,  bakaba baragabanutse gushika ku rugero rwa 16,6%,  kuko bavuye ku miriyoni 5.69 bari biyandikishije mu mwaka uheze.

Iryo gabanuka ry’abashaka kurongora rijanye n’igabanuka ry’abashaka kuvyara, kandi vyatanguye hafi mu myaka ya 1980. Nko mu mwaka wa 2013 wonyene abashaka kurongora bagabanutse gushika ku rugero rw’imiriyoni ca 13. Mu 2015 niho Ubushinwa bwashiraho itegeko ryemerera abenegihugu kuvyara abana babiri gusa. Ariko muri 2021 babonye ko bakwiye kwongerako umwe, bakaba 3.

Ikindi kandi ni uko muri 2021, Ubushinwa bwashizeho itegeko ritorohereza abipfuza kwahukana imbere y’amategeko ariko bikaba bitashimishije abenegihugu kuko bavuga ko ari uburyo bwo kwongereza ihohoterwa rikorerwa mu ngo.

Mwakiriye gute iyi nkuru?

62 thoughts on “Ubushinwa bugiye kuzohora buha uburyo abasore bakwije imyaka yo kwubaka izabo

  1. Nukuri ico ciyumviro kiratomoye ,,ariko bazobasumira ubuzima bwawo bwose canke kubapangira amazu?batubwire twumve,….

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights