“Urwaruka rukirera amaboko ruzokwikangura abandi tugeze kure”

118
Screenshot (49)

Umusore yitwa Bosco asanzwe akora umwuga wo kugendesha imodoka mu gisagara ca Bujumbura, aravunira akagohe urwaruka cane cane rwo mu gisagara ca Bujumbura rukirera amaboko rudashaka gukora, akavuga ko urwo rwaruka ruzogera kwikangura abandi bararusize mw’iterambere. Arashima kandi Leta yo yashizeho urya mugabi w’Uburundi bwifashe muri 20240 n’Uburundi buteye imbere muri 2060.

Mu kigayo urwo rwaruka rwagiranye na BBNEWS, yarashikirije ico abona cokorwa n’urwaruka cane cane ivyo kwitunganiriza imigambi ndetse no kwiyumvira ibijanye n’iterambere. Nayo mu gisata c’umwuga akora arashima intunganyo nshasha ijanye n’itangwa ry’igitoro biciye muri Sopebu.

Nayo ku bijanye n’amabarabara, asaba ababijejwe gukora uko bashoboye ngo anagurwe cane cane ahari ibinogo mu mabarabara kuko bituma uruja n’uruza rutagenda neza ndetse n’ingendeshwa zikahononekarira.

Bosco kandi avuga ko mu myaka 4 amaze akora uwo mwuga, amaze guhura n’intambamyi zitari nke mugabo ko yibeshejeho kandi ashima iterambere agezeko. Kuri bimwe bavuga ko bamwe mu bagendesha taxi bakunze kuba bafise ingeso y’ubushurashuzi, Bosco avuga ko biterwa n’ingeso y’umuntu.

Wipfuza kwumva vyinshi fyonda ngaha : https://www.facebook.com/share/v/15M8UUoNPB/

118 thoughts on ““Urwaruka rukirera amaboko ruzokwikangura abandi tugeze kure”

  1. Imbere cane mumugambi witerambere muri 2040 yewe ahonzoba naje narashikiriwe
    Kurubu abataxman basigaye bafise indero kabisa courage
    Imbonerakure zabashize kurutonde nibaciba ingenzi ubu nisawa cane mwubahwe.

  2. Courage courage gusa ivyigitoro biracari ingorane
    mutama biragoye guterimbere nicigitoro cabaye inzahabu
    Jewe ngira nomoke kuko mbona ubuzima bwagoranye
    Ivyo mwibarabara vyabaye ingorane
    Kw’isi iburundi nihohonyine umuntu agira amahera akabura ico arondera jewe siniyumvira ingene igitoro cibura Kandi abanyagihugu bafise ingendeshwa bafise amahera
    Nukuri badutabarize bank yisi nimba namahera yumutahe bafise ariko turonke igitoro gikwiye canke babishore mumaboko yabikorera utwabo nukuri ibura ryigitoro riri kudindiza iterambere ryigihugi cacu ciza c’u Burundi
    Gusa Sebarundi ntako atagira ariko abo bakorana baramugora turabizi

  3. “Mudharau kazi kufa masikini”mururimi rwi kiswahili barabivuga neza,,umuntu wese anena akazi ntaho apfa yigejeje.

  4. Urwaruka turakwiye gukura amaboko mumpuzu tugakora ubutiziganya kugira ngo ejo tuze tube dufise ico duhagazeko.

  5. BBNEWZ maze imisi nkurikirana inkuru zanyu ibikorwa nivyiza komereza aho kabisa icogusanga abantu kuri terrain nisawa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights