July 27, 2024

ITEGEKO INOMERO RIKINGIRA ABANYWANYI B’AMASHIRAHAMWE ARANGURA IBIKORWA BIJANYE N’URUDANDAZWA RW’AMAFARANGA

0

IBANKI YA REPUBURIKA Y’UBURUNDI ITEGEKO INOMERO 001/2019 RIKINGIRA ABANYWANYI B’AMASHIRAHAMWE ARANGURA IBIKORWA BIJANYE N’URUDANDAZWA RW’AMAFARANGA.


Notice: Trying to get property 'post_excerpt' of non-object in /home/u183552678/domains/bbnewz.com/public_html/wp-content/themes/covernews/inc/hooks/blocks/block-post-header.php on line 43

IBANKI YA REPUBURIKA Y’UBURUNDI ITEGEKO INOMERO 001/2019 RIKINGIRA ABANYWANYI B’AMASHIRAHAMWE ARANGURA IBIKORWA BIJANYE N’URUDANDAZWA RW’AMAFARANGA. INTUMBERO Y’IRI TEGEKO Amashirahamwe arangura ibikorwa bijanye n’urudandazwa rw’amafaranga ntahengeshanya kugwiza no guhinyanyura ivyo arangurira abanywanyi bayo, ari na co gituma abo banywanyi bakeneye gukingirwa gusumba. Kukaba nkako, mu gihe ayo mashirahamwe aba ariko ararangura ibikorwa vyayo vya buri munsi, Ibanki ya Repuburika y’Uburundi irazi neza ko hatoburamwo ubusuma buciye mu mayeri, ukurenganya n’inyifato zitabereye ku banywanyi bayo, na canecane ku bantu batagabishijwe canke badafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n’uburenganzira bwabo hamwe n’ivyo bategerejwe. Iri tegeko rero rije gukomeza ubumenyi n’uburenganzira ngenderwako bw’abanywanyi b’amashirahamwe arangura ibikorwa bijanye n’urudandazwa rw’amafaranga, gukomeza kandi inyifato n’ihiganwa bibereye muri ayo mashirahamwe no mu kuyafasha gukorana n’abantu bazi koko ico barondera. Iri tegeko ni igikoresho nyamukuru co kwongereza abijukira gukorana

n’amashirahamwe arangura ibikorwa bijanye n’urudandazwa rw’amafaranga, kwongereza ikoreshwa ry’ibikorwa bitangwa n’ayo mashirahamwe kandi akabitanga neza kuruta, ari navyo bituma ayo mashirahamwe ashinga imizi.Vyongeye, ugukingira abanywanyi bituma inyungu ziva mu kwongerekana kw’abahurumbira ivyo bikorwa zigirira akamaro abo banywanyi zikongera zigateza imbere ubutunzi bw’igihugu muri rusangi. Gukingira abanywanyi b’amashirahamwe arangura ibikorwa bijanye n’amafaranga bifasha ayo mashirahamwe kuroranisha ibisabwa mu migenderanire afitaniye n’abanywanyi bayo. Kubera ko Ibanki Nkuru y’Igihugu yizeye ata gukekeranya ko ukugendera imico myiza yugukingira abanywanyi b’amashirahamwe arangura ibikorwa bijanye n’urudandazwa rw’amafaranga bituma ayo mashirahamwe akora neza, ishinze iri tegeko mu ntumbero y’ugukingira abanywanyi b’amashirahamwe no gukomeza umwizero wabo murayo mashirahamwe nk’uko ibisabwa n’ingingo ya 7 y’Ibwirizwa inomero 1/34 ryo ku wa 2 Kigarama 2008 rishinga amategeko agenga Ibanki ya Repuburika y’Uburundi. Vyongeye, iri tegeko ryisunga ivyo Ibwirizwa inomero 1/17 ryo ku wa 22 Myandagaro 2017 rigenga ibikorwa vy’amabanki rivuga, na canecane, mu ngingo yaryo ya 17, ko mu gihe c’ukwemerera ishirahamwe gukorera ku mugaragaro, Ibanki Nkuru y’Igihugu « irasuzuma kandi ko ishirahamwe risaba kwemererwa gukora rishoboye kurangura ibikorwa vyaryo mu buryo bukingiwe. Ishirahamwe risaba gukorera ku mugaragaro

ritegerezwa nko kuba rifise uburyo bubereye kandi bujanye n’ibikorwa vy’amabanki n’ibijanye n’uburyo bw’ukuriha bukoreshwa mu Burundi kandi ubwo buryo bugafasha abanywanyi gukingirwa bikwiye »

Inkuru dukesha ibanki nkuru y’igihugu cu BURUNDI ukeneye amakuru aravuye injira kurubuga gurukana bumenyi bw’ibanki nkuru y’igihugu cu BURUNDI. https://www.brb.bi/

Ntaciyumviro kiratangwa on ITEGEKO INOMERO RIKINGIRA ABANYWANYI B’AMASHIRAHAMWE ARANGURA IBIKORWA BIJANYE N’URUDANDAZWA RW’AMAFARANGA

Siga Iciyumviro