July 27, 2024

KICHECHE KUVA MU GIHUGU CA TANZANIYA KUNCURO YAMBERE MU BURUNDI

3

Inyuma yo kumva Abarundi Benshi bavuga ko bipfuza kubona KICHECHE aje mu Burundi
BBNEWS ntiyatanzwe mu gushikana indoto za benshi mu kubazanira Igihangange mugutwenza kuva mu gihugu ca Tanzaniya ariwe KICHECHE .

Inyuma yo kumva Abarundi Benshi bavuga ko bipfuza kubona KICHECHE aje mu Burundi

BBNEWS ntiyatanzwe mu gushikana indoto za benshi mu kubazanira Igihangange mugutwenza kuva mu gihugu ca Tanzaniya ariwe KICHECHE .

Uti biteguye gute ?

Kwigenekerezo rya mirongo ibiri n’umunani z’ukwezi kwa ruheshi uyu mwaka nyene ( 28/06/2023)

Neza neza ku munsi mukuru wo gusangira intama kuba islam bakunze kwita ILAYIDI ;

Niho KICHECHE azoteramisha abakunzi biwe bavuye mu mihingo itandukanye y’igisagara ca bujumbura ndetse no hagati mu gihugu, tutibagiye nabazoza bavuye mu bihugu bibanyi.

Ico giteramo kizobera mu gisagara ca BUJUMBURA komine MUKAZA zone BUYENZI kuri Paruwase yitiriwe umweranda AUGUSTIN ( SAINT AUGUSTIN BUYENZI ) aho benshi bita kwa PAUL ; neza neza imbere y’isoko ya RUVUMERA.

IGITERAMO KIKABA KIZOTANGURA IGIHE C’ISAHA UMUNANI Z’UMUHINGAMO ( 14H00) KU MUNSI WA GATATU.

KICHECHE ntazoba ari wenyene ; hazoba hari nigihangange mu muziki hano mu BURUNDI ariwe LOLILO  hamwe n’umuhinga Mugutwenza hano mu BURUNDI ariwe GASORE BABALAO .

Sabo gusa hazoba hari nabanyamuziki batandukanye aho twovuga nka M NIF JIMBO nabandi batandukanye.

Umuryoshabirori nawe akazoba ari ca gihangange canyu mumenyereye ariwe AMI PRO THE MC

Muntu uri mu gisagara ca Bujumbura no mumicungararo yaho, ndetse nawe uri mu gihugu hagati,tutibagiye nabari mu bihugu duhana imbibe mbere nabari kure yamazi ; ngiki igiteramo udakwiye gusibamwo . Kaze mwiyongerereze imisi yo kubaho na KICHECHE.

3 ivyiyumviro on KICHECHE KUVA MU GIHUGU CA TANZANIYA KUNCURO YAMBERE MU BURUNDI

    vava
    June 21, 2023

    ikaze iwacu i burundi

    0
    0
    keza
    June 21, 2023

    welcome dear

    0
    0

Siga Iciyumviro