July 27, 2024

CAN 2023: Uburundi § Cameroon urukino rufatwa nka Final.

0

Kuvaho Uburundi butsindiye namibi Ibitsindo 3 kuri 2 bibiri,aho vyibonekeje ko abakinyi b’Intamba bari barwiteguriye kubwo hari imyidogo kubivanye nuo hari abakinyi nserukira gihugu batashoboye gutumwako kandi bari bifata neza mumirwi bakinamwo eka no mumurwi nserukiragihugu nka SAIDO NTIBAZONKIZA,CEDRIC AMISSI N’Abandi.ibintu bikaba vyarahinduye insura,kuko abakinyi bashoboye kwerekana urukino rwiza bahusha n’ibitsindo vyinshi eka bakahakura nintsinzi yibitsindo bitatu,Vyatumye abatari bake mubakunzi bumurwi nserukiragihugu w’Uburundi basubira Guha icizere umumenyereza Etienne Ndayiragije,kuko yashoboye gutegura umurwi uo we abibona eka akanahakura intsinzi twaheruka kera.kubashoboye kwihweza no gukurikirana inkino bafata ko urukino rw’Uburundi na Cameroon azoba ari nka Finale kuko bizoha amahirwe uburundi yo gushobora guhonyoza Ikirenge Munkino za CAN.

Tubibutse yuko Namibi ifise amanota 5

Burundi amanota 4

Cameroon Amanota 4

runo rukino ruzosaba Inguvu nyinshi kuko hagati ya Cameroon N’Uburundi Umurwi umwe utegerezwa gusigara

mbega woba uha amahirwe angana gute Umurwi w’Intamba Canke Cameroon

Ntaciyumviro kiratangwa on CAN 2023: Uburundi § Cameroon urukino rufatwa nka Final.

Siga Iciyumviro