July 27, 2024

ABADANDAZA BARIDOGA KUBERA INOTI NSHASHA ZITARARWIRA

1

Kuva aho inoti zakera zibihumbi cumi 10000 niz’ibihumbi 5000 zihinduriwe ama Banki ngo ntiyorohereza abantu baba bashaka kubikuza igitigiri kinini c’amahera ivyo bigatuma abahagirira ibibazo ari abadadandaji kuko baba bipfuza gutora amafaranga atari make kugira bashobore kuja kurangura ibidandazwa vyabo bivanye n’ivyo basanzwe barangura uko bigurwa.

ico kibazo kikaba cibonekeza no mubenegihugu bo muntara zitandukanye,abakora mumabanki bo bavuga ko ico kibazo atari bo bagitera ,ikibazo nuko inoti zitarashobora kurwira kugira ngo zishobore kurwiragira mugihugu cose.ngo nabo bibatera ingorane kuko usanga umuntu afise amafaranga yiwe kuri compte ariko ntashobore kuronka igitigiri yoba yipfuza.

abadandaji barasaba Leta hamwe n’Ibanki nkuru Y’igihugu ko bobafasha kurwiza izo noti narirya haciye n’igihe gito basubije izakera,bagashobora kuronka igitigiri c’amahera bipfuza igihe bagiye kubikuza ngo kuko bariko barahomba cane kandi bitario biraborohera kurangura.

Iciyumviro on ABADANDAZA BARIDOGA KUBERA INOTI NSHASHA ZITARARWIRA

    Joël
    July 8, 2023

    Ubuzima nihatari

    0
    0

Siga Iciyumviro