July 27, 2024

Burundi: Umwami yashingurwa gute?

6

Mu Burundi, iyo umwami yatanze – ntibavuga ko yapfuye – haba imigirwa myinshi ijanye n’urupfu rwiwe.

Abami Mwambutsa IV Bangiricenge n’umuhungu wiwe Ntare V Charles Ndizeye nta migirwa yo gushingurwa bagiriwe nk’uko vyari bisanzwe bikorerwa abandi bami b’Uburundi

Mu Burundi, iyo umwami yatanze – ntibavuga ko yapfuye – haba imigirwa myinshi ijanye n’urupfu rwiwe.

Ariko abami babiri ba nyuma b’Uburundi ntibayigiriwe.

Mu Burundi intwaro y’ubwami yarangiye mu 1966 igisirikare gifashe ubutegetsi kigashinga intwaro ya repuburika.

Umwami wa nyuma – Ntare V (Wa Gatanu) Ndizeye Charles – , nta wuzi aho yahambwe inyuma yo kwicwa mu buryo butazwi aho yari apfungiwe mw’ibohero rya Gitega mu 1972.

Se wiwe, Mwambutsa IV (Wa Kane) Bangiricenge, yahambwe muri Suisse iyo yapfiriye mu 1977.

Inzira 4 zo gutanga

Umwigisha w’ikirundi, amateka, n’imico kama y’abarundi, Denis Bukuru, avuga ko abantu basanzwe bakoresha ijambo “gutanga” bashaka kuvuga ugupfa kw’umwami, ariko ngo umwami yashobora gupfa  mu buryo bune butandukanye, n’amajambo yo kubivuga agatandukana.

  • Gutanga: apfuye bisanzwe (yishwe n’indwara canke n’ubusaza), aho niho bavuga ko yatanze.
  • Gutabaruka: apfuye aguye ku rugamba (ku bisanzwe abami b’intambara bari Ntare na Mutaga). Igihetangoma kimwe cabamwo abami bane bakurikirana uhereye kuri Ntare, Mwezi, Mutaga na Mmwambutsa.
  • Kwiha ubuki: atakibasha amabanga y’ubwami ku mvo zitandukanye, canke hateye ivyago mu gihugu nk’inzara canke ikiza, “yiha ubuki”, ikinyobwa caba kirimwo ikimwica, akarangiza ubuzima bwiwe.
  • Gucanira abana b’ingoma: iyo umwami yarenze umuziro uhambaye cane, umuziro uzirwa, iyo akoze ico atategerezwa gukora gishobora kuzanira amahano igihugu, baca bamubwira ngo acanire abana b’ingoma.

Umwigisha Denis Bukuru avuga ko mu “gucanira abana b’ingoma” aho “umwami bamwubakira ikirwa (uburiri), bakamuha ubuki bwo kunywa, bagaca bamwubakirako inzu itagira urugi, bagaca bayiturira. Vyashika gake ariko vyarigeze kuba”.

Mu kibira ca Matongo na Kabarore (mu ntara ya Kayanza y’ubu, mu buraruko bw’Uburundi) niho abami batanze bajanwa kubikirwa

Nta waherekeza Ingogo y’umwami

Ibwami haba hariho umubitsi (umuntu ajejwe kubika canke kumenyesha ko hari uwapfuye).

Umwami atanze (apfuye), umubitsi yaca afata inzira ava aho umwami yatangiye agenda arasemerera  amenyesha iyo nkuru gushika ishikire Abiru.

Abiru baba mw’ishamba ryari mu makomine ya Muruta na Kabarorore muri Kayanza y’ubu, ari naho bajana “kubikira” (gushingura) abami bapfuye.

Abiru bamenye inkuru baca baza gutora Ingogo (ikiziga/umurambo) y’umwami bakayijana hamwe n’ibintu vyose vyari ku kirimba aho yatangiye (inka, ibisabo, ivyimburwa biri mu bigega ), bigaherekeza ingogo.

Muri ico gihe ababa ku kirimba bose baba bahunze. Bagaruka ari uko Abiru bamaze gutwara Ingogo y’umwami.

Nta waherekeza ingogo y’umwami. Abiru bayitwaye aho baca hose abantu baca bahunga n’ivyabo vyose bakagaruka ar’uko Abiru barenganye.

Ikindi  kimenyetso n’uko ahahora havuga ingoma ya Karyenda ku kirimba haca havuga iyitwa Hangarizo, ikamenyesha ko habaye guhangaza (n’ukuvuga kugandarira umwami).

Abiru bashikanye ingogo y’umwami muri iryo shamba rya Muruta/Kabarore, bayubakira urusenge, bakayishirako, bagacana akariro gake munsi yayo gushika ikiziga gisanguke.

Umwigisha Bukuru avuga ko muri iyo migirwa ibivugwa n’ivyakorwa bitandukanye. Mu bivugwa n’uko umwami atahambwa (atashirwa mw’ivu, kuko ngo isi ntiyari gusubira kumera).

Umuganwakazi Esther Kamatari avuga ati: “Umwami ntiyahambwa. Yaserukira Imana, kandi ntawuhamba Imana”.

Ariko mu vyakorwa, umwigisha Denis Bukuru avuga ati: “Hasigaye amagufa gusa , Abiru barayegeranya bakayahamba, imva y’umwami ikitwa inganzo”.

Ijuru ryakorotse

Umwami yapfuye abantu bavuga ko ijuru ryakorotse. Ubuzima bwaca bumera nk’ubuhagaze mu gihugu.

Umwigisha Denis Bukuru avuga ati: ”Nta mugabo yasubira kuryama ku buriri. Nta mpfizi yasubira kwegera inka, baca bazitandukanya (nta nka yasubira kwima).

“Abagore baca bakura imiringa n’ikindi cose kiranga ugushaza, n’uwo yanse kuvamwo yaca ayifukisha igishambara gisa nabi”.

“Nta muriro wasubira kwatswa mu nzu”.

Igihe co kugandara camara hagati y’indwi (iyinga) zitatu gushika ku minsi 40.

Ico kiringo carangira ku munsi umwami mushasha yaba yimye.

6 ivyiyumviro on Burundi: Umwami yashingurwa gute?

    miburowacambaranama
    July 13, 2023

    Mwubahwe bbnews amateka nkaya abakenewe urwaruka rugatahura cane
    Najewe harivyontarimzi mugabo ubundatahuye neza

    0
    0
    Joseph
    July 13, 2023

    Umwami yubahwe cane

    0
    0
    mushi
    July 13, 2023

    Izinkuru nizo zidufasha kumenya intahe dukeneye nizindi nkizi harimo icigwa kabisa

    0
    0
    Jean
    July 13, 2023

    None abakomoka mumiryango yabami ntanumwe ukibaho
    Muzoturonderere amakuga yavyo vyodufasha gutahura birenze
    Kandi musakoze cane

    0
    0
    kashaze
    July 13, 2023

    Impuzu zumwami zitwaga gute?
    Muzombarize muzoba mukoze

    0
    0
    Joel
    July 13, 2023

    None abami bose bitwagq bamwambutsa?

    0
    0

Siga Iciyumviro