July 27, 2024

SUMMER FOOD FESTIVAL Igiteramo na BBnews cagakura kucuro yambere ku kiyaga Tanganganyika aho bita kuri UZURI BEACH mu gisagara  ca Bujumbura

23

SUMMER FOOD FESTIVAL Igiteramo na BBnews cagakura kucuro yambere ku kiyaga Tanganganyika aho bita kuri UZURI BEACH mu gisagara  ca Bujumbura

BBnews yabateguriye SUMMER FOOD FESTIVAL aho hazoba hakoraniye uburiro bukomakomeye bugiye butandukanye

 iryo hayanishwa rikaba rizoba kwitariki ya cumI na gatanu Myandagaro ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na gatatu( 15/8/2023)

bikaba biteguye gutya hariho abaririmvyi bazoteramisha uwo munsi,ibinyobwa bigiye bitandukanye,imfungurwa zigiye zitandukanye,inteko zigiye zitandukanye nkizo mu buhindi,mu buchinois,iburayi eka nahandi hagiye hatandukanye,hazoba hari ni mikino igiye itandukanye kuba kuze no kubana bari muburuhuko,

kubakuze nuko hazoba hari ihaganwa kubantu bazi gufungura vyinshi bishoboka mu mwanya muto bagaheza bagatanga ubushimwe kuwabaye uwa mbere Akabirya kubana nuko imikino yose iri kuri UZURI BEACH izoba ari kubuntu bavyeyi nahandi mwojana abana banyu atari kuri UZURI BEACH 

 namwe ba diaspora kaze murabe ivyiza vyi Burundi bakozotangura mu gatondo gushika mwijoro ibiciro vyo kwinjira tuzoba turabibamenyesha hanyuma tutibagiye ko aho guhagarika imiduga ni kubuntu 

Kuruwo munsi nuko tuzotanga ubushimwe kubamenyesha makuru bigejeje neza muri rya higanwa Radio Presenter Award

23 ivyiyumviro on SUMMER FOOD FESTIVAL Igiteramo na BBnews cagakura kucuro yambere ku kiyaga Tanganganyika aho bita kuri UZURI BEACH mu gisagara  ca Bujumbura

    Yves
    July 31, 2023

    Nukuri nahashitse noba mpovye

    1
    0
    Yves
    July 31, 2023

    Nukuri nahashitse noba mpovye

    1
    0
    Herve
    July 31, 2023

    Gusiba kizoba n’igicumuro cintanduruko🔥🔥🔥

    1
    0
      Nadine
      July 31, 2023

      Muzozane umuntu uzi gufotora twirire amafoto kandi muzoshire kukabeyi gatonya
      Mbaye nisabiye
      Naho kurya ntihazabure nyamacoma
      Tanganyika yubahwe Hahaha bizoba bitesa

      0
      0
    Christa
    July 31, 2023

    Iyi summer mbona BBnews yayihagarikiye inyuma ya Kicheche bazanye irya nazo sinzosiba kugira ndabe ukuntu iryo higanwa yabantu barya cane

    1
    0
    Stessy
    July 31, 2023

    Mbega ko ari summer tuzopfa uko twambaye???kuko ni kuri plage

    1
    0
    James
    July 31, 2023

    Akakantu BBNEWS ikoze nisawa kabisa naje nzobandiyo
    Mwiyumviriye neza gose
    🇧🇮
    Nibatubwire tuzoza twambaye gute? Pls

    1
    0
    Prosper
    July 31, 2023

    Ndabona iyi summer na BBnews ntakwasama bari mu kazi kose hejuru cane BBnews kutahashika nuruhombo
    Tuzokwambara gte?kugira twatse umuriro ikindi turakeneye concert ya Gospel mutumire abo hanze

    1
    0
    Dany
    July 31, 2023

    Inyama zizobe zihari jewe nizo nkunda
    Uzuri wubahwe cane
    Uratunezera
    Dj bob azobe ahari arabiryosha

    1
    0
    veve
    July 31, 2023

    Nyamacoma summer sinobura komutatubwiye nibande baririmba muzozana ?
    Mutuzanire DRAMA T NA KILIKU

    1
    0
    kikina
    July 31, 2023

    Ese umuntu ashaka kuza kwidandariza utwiwe ngaho yakishura amahera angahe? Twobarizahe mudufashe
    Jewe nsazwe nikorere ibijanye nirya mumfashe nziyizire kwishakira amaherangaho ndabona bizoba bitesa

    1
    0

Siga Iciyumviro