July 27, 2024

Uku niko babayeho kandi bari mu Gihugu Cambere gitunze

4

bitigiri vyinshi vyabantu batagira uburaro biguma vyiyongera bivanye nuko,kuronka amazu canke gupanga uburaro ari ikintu kitoroshe.

ibitigiri vyabantu batagira uburaro biguma vyiyongera kwisi bivanye nuko,kuronka amazu canke gupanga uburaro ari ikintu kitoroshe.

kenshi birakunda gutera ikibazo na cane cane iyo igihugu kiriko kiratera imbere bituma ibintu bizimba canke abantu bafise ubuzima bubayabaye bakaguma bongerekana.bikavana nuko usanga Igihugu citayeho ivyiterambere ariko kitiyumvira kubantu nabo batobato, kuko kenshi usanga iterambere rituma nubuzima butoroha kubakene,ariko bigatuma kandi hari abavyungukiramwo, na cane cane kubafise amikoro menshi.

Ntagihugu nakimwe kwisi kidafise abantu bakenye canke badafise uburaro, ariko bigenda birasumbana ibitigiri,ico bivako,nuko babayeho.

Igihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika kuva muri 2008, haravurwa ko igitigiri cabantu batagira uburaro canke abakene cabaye cinshi kurugero ruri hejuru hafi Imiliyoni 40 zirenga.

haravurwamwo nabandi usanga bafise ubuzi ariko batagira uburaro ugasanga bamwe barara muma modoka kuko baba barabasohoye muburaro bakose;abandi batagira uburyo kuko usanga amazu azimvye ari kurugero ruri hejuru.

muri Leta ya California Igitigiri cabantu bafise Ubuzi ariko batagira uburaro ,cariyongeye kuko ubuzima buzimvye. uburaro bukaba bugoye kuriha kandi amategeko agenga ivyo gupanga akaba atorohereza nagato umupangayi kuko guteba kuriha inzu bivuga kuyivamwo ugatabwa hanze; n’Igipolisi nico kikwisohorera.

Muri leta ya Virginie yegereye cane Washington mugisagara ca Richmond hafi Igitigiri kinini babayeho mubukene,kikaba nigisagara kiri muvyambere kirimwo abantu basohorwa munzu canke batagira uburaro kubera basohowe.bivurwa ko hafi abantu 3000 kumwaka basohorwa hanze bagahamvya abandi mukurara mwibarabara babuze iyo baja.muriyo leta Utevye kuriha inzu Mumisi 5 nyeneyo ari nuburenganzira bwo kugutumira convocation mundwi imwe utarariha aragusohora kuko amategeko abimurekurira kandi akamushigikira.

kumusi umwe abantu cumi barasohorwa mumazu bagatabwa hanze. eka nibindi bisagara n’amaleta ntacoroshe kirimwo.

Ubuvuzi burazimvye nimfungurwa, kuko hari abarindira ko hari ivyo baba bataguze bakabisaba canke basigaje kugira baronke ico bafungura,nubuvuzi bakarindi ubufasha.

kino kibazo muri Afrika gikwiye kwirwako kuko uko ibihugu bija mwiterambere niko n’abakene mugihe hatizweko uburyo bobaho neza nabo usanga biriko birayangara kuko usanga ibintu biguma bizimba cane bigatuma bataronka uko bibeshaho.

4 ivyiyumviro on Uku niko babayeho kandi bari mu Gihugu Cambere gitunze

    bosco
    July 28, 2023

    bafise ingorane nini ario baturenza ibibazo vyintambara kuko tuba twibereyeho neza

    1
    0
    ben
    July 28, 2023

    IMANA IBATABARE
    IYISI IRARUHISHA

    0
    0
    John Ngarambe
    July 28, 2023

    Dukunde Africa yacu niho hasigaye ahokuba

    0
    0
    Fridolin
    July 28, 2023

    Usa nikwiza kwama

    0
    0

Siga Iciyumviro