
Muri Kenya Idini ry’umunsi w’iherezo ryahera ku bana mukugira amapfungo yo kwiyicisha inzara
Abana nibo babaye benshi cane mu kwicishishwa inzara mu minsi ya nyuma y’idini ry’umunsi w'iherezo muri Kenya, ku bw’amakuru mashasha aguma aboneka.
Igiporisi kiriko kiratohoza ku kigaragara nk’ukwiyahura mu kivunga gushika ubu kimaze kuzura ibiziga bigera 201 mw’ishamba rinini rya Shakahola mu buseruko bushira ubumanuko bwa Kenya.
Uwahoze ari icegera c’umwigisha [w’ijambo ry’imana] muri iryo dini yabwiye ikinyamakuru New York Times ko abana bicwa ubwa mbere, bagahatirwa ‘’kwisonzesha ku zuba kugira banyaruke gupfa’’.
Abagore n’abagabo nibo bakurikira muri iyo nteguro yo kwiyahura, nk’uko Titus Katana yavuze.
Uwo mugabo Katana – ariko arafasha igiporisi muri ayo matohoza -yanabwiye ikinyamakuru Sunday Times ingene abana bafatwa bunyamaswa, akavuga ko bugaranirwa mu tuzu imin...