July 27, 2024

JAPON:Igihugu cambere kw’Isi cuzuyemwo aba celibataire

10

Ubuyapani n’Igihugu kiri muri bitatu vyambere kw’isi bitunze, ariko gifise ibibazo bihagaritse umutima abarongozi eka n’abavyeyi.kuko hafi igice kinini cababayo ari abantu bakuze cane bashaje,abagabo n’abakobwa bakuze ariko benshi bakiri aba seribateri.

Ubuyapani n’Igihugu kiri muri bitatu vyambere kw’isi bitunze, ariko gifise ibibazo bihagaritse umutima abarongozi eka n’abavyeyi.kuko hafi igice kinini cababayo 65% ari abantu bakuze cane bashaje,abagabo n’abakobwa bakuze ariko benshi bakiri aba seribateri.

Elderly residents rest in the grounds of a temple in Tokyo on September 15, 2014 as the country marks Respect-for-the-Aged-Day. The number of people aged 65 or older in Japan is at a record 32.96 million, accounting for an all-time high of 25.9 percent of the nation’s total population, the government announced. AFP PHOTO / Yoshikazu TSUNO / AFP PHOTO / YOSHIKAZU TSUNO

ikibazo kikaba catanguye mugihe tuziko ubuyapani ari igihugu kiri muvyambere bifise amahinguriro menshi ,eka n’igihugu gifise ubuhinga bwanone buri hejuru gose aho kumwaka kumwaka abashakashatsi bavumbura ikindi kintu gishasha mubuhinga bwanone,na cane cane buzwi nk’igihugu giteye imbere mugukora Imiduga ikomeye kandi yizewe n’ibindi na cane cane nkamahinguriro rurangiranwa kwisi nka :

  1. Toyota
  2. Honda
  3. Mitsubishi
  4. Japan Post Holdings
  5. Nippon Telegraph and
  6. Telephone
  7. Itochu
  8. Nissan
  9. SoftBank Group
  10. Hitachi
  11. AEON
  12. Sony
  13. ENEOS Holdings
  14. Nippon Life
  15. Panasonic
  16. Mitsubishi UFJ
  17. Financial Group
  18. Dai-ichi Life
  19. Mitsui
  20. Marubeni

abantu baho yaba abasore canke abakobwa umwanya munini baba bari kukazi kandi bagakora umwanya munini.ivyo rero bigatuma atamwanya wogushakana baronka kuko benshi baba barushe canke bakaja muvyo kurondera ubushakashatsi.

Abasore ngo benshi umwanya munini bawumara bakina inkino zo kuri interinet canke ivyo bita Manga”Video game”.kandi ngo hakubana n’umugore bikoreye ibipupe bimeze nkizo manga.bubakanye

ngo kuribo hagati y’umukobwa na Manga ngo bohitamwo manga ngo kuko kugira imibonano mbuza bitsina n’umukobwa ngo bitera umuruho bigatuma bama munduru kandi bigumiye uko ataco vyobatwara.ngo kuribo kura isinema za Porno ngo birahagije kuko ngo vyose ari ibituma Ubwonko bukora kumwe no kwishimisha arivyo kwikinisha.

Abakobwa benshi bamaze kurenza imyaka baraheza bakikorana ubugeni ngo hakaba hari n’ama butike kenshi abibafashamwo ngo kuko baba barahebuye uwo bubakana bagahitamwo kwifotoza mwikanzu y’ubugeni bagakota n’ibibanza vyo gufatamwo agatutu kugira binezereze.

nkuko abashakashatsi babivuga ,Igihugu c’ubuyapani nkahamwe Coguma ukwo kiri mumyaka Amajana Ane 400 birashoboka ko atamuyapani numwe azoba akibaho.

Igihugu n’ayandi mashiramwe bakaba bagerageza gutegura ibirori canke ingendo zishobora Guhuriramwo abahungu n’abakobwa kugira barabe ko hogira n’abavamwo bagashimana ariko ngo mirongo 80 kwijana bataha uko batashimanye.

ico kibazo kiriko kiratandukira n’ibindi bihugu vyinshi kumvo z’amategeko agenga ingo aguma yiyongera bigatuma benshi mubagabo batinya kwubaka kuko ari nko kwiboha akagozi.

10 ivyiyumviro on JAPON:Igihugu cambere kw’Isi cuzuyemwo aba celibataire

    kamariza
    July 26, 2023

    Yewe Imana ibatabare ndumva barishe cane
    Uko iminsi ishira niko amabi akomeza kugwira
    Nohatari Imana ibiturinde nibizoshike iwacu iburundi

    2
    0
    Herve
    July 26, 2023

    Isi ya none igeze kure Imana niyo gutabara mu burundi abaho babuze abo bubakana kubera ubukene ariko abandi barahunga

    1
    0
    Divine
    July 26, 2023

    Babyita umwijuto cyangwa umuregwe
    Barahaze
    Ubwose wabawaburaye ukajya murayo mabi ?
    Ukuntu bakora imodoka nziza none nyumvira

    1
    0
    Yves
    July 26, 2023

    Imana itabare ubuyapani none ubuyapani bwejo nibande

    1
    0
    Solange
    July 26, 2023

    Yewee birababaje cane

    1
    0
    Claude
    July 26, 2023

    None Ivyo nka leta ya Japon ibivuga kwikii ? Ntaco ibona cokokrwa

    0
    0
    Peniel
    July 26, 2023

    Kazima bafise ubuhinga bakoreshaa😂🙈

    1
    0
    Claudine
    July 26, 2023

    Ariko none ko badapfuma banana nabo mubihugu bibegereye

    0
    0
    Diane
    July 26, 2023

    Shaa gusa barakora cane ndemera ubuhinga bwabo

    0
    0
    Nina
    July 26, 2023

    Barabe bahindure ibyiyumviro kuko Izo manga bakoresha zizabonera ubwonko

    0
    0

Siga Iciyumviro