July 27, 2024

Umuririmvyi R Flow agiye gusezera ubusoreinyuma y’igihe kinini ahisha uwobasohokana.

2

Umuririmvyi R Flow agiye gusezera ubusoreinyuma y’igihe kinini ahisha uwobasohokana.

Amazina yiwe ni Karimunda Riche Flolin yamenyekanye cane nka R
Flow kubw’umuziki, umwe mu baririmvyi b’abarundi bafise amajwi
ahanitse ndetse yifashishijwe kenshi mundirimbo zagiye zirahuririmwo
abaririmvyi benshi batandukanye, n’umwe mubaririmvyi vyavuzwe ko
basohokanye n’umwigeme yamamaye cane nk’umuririmvyikazi akomeye
mumyaka iheze Chany Queen, havuye umuririmvyi Lolilo yatumye uwo
muririmvyikazi amenyekana, ariko munyuma baza kuvana maze Chany
Queen akomeza urukundo n’uwundi musore azwi kw’izina rya Rodrigue
ariko nawe ntiyagira amahirwe yo kugumana inyuma yo kuvyarana
umwana umwe.

Kumusi wejo hakaba ariho hamenyekanye inkuru y’uko uno musore R
Flow akundwa cane n’abakobwa ndetse nabagore kubera ibituza vyiwe
yaraye asavye irembo iwabo n’umukobwa bivugwa ko bamaranye igihe
mu rukundo mwibanga rikomeye cane, ubona ko R flow kukibazo kijanye
n’umukunzi wiwe ibimenyeshamakuru vyinshi yabibwira ko ahari ariko

adashoboka kumugaragaza kuko bishobora kubaviramwo gutandukana,
bikaba birangiye bigeze kumusozo noneho bakaba bitegurira kurushinga
vuba cane.
N’inkuru yanezereje benshi canecane incuti ziwe za hafi ndetse
n’abafana biwe ubona ko abatari bake bamukejje bifashishije Iyo foto
arikumwe n’uwo bagiye kurushinga.

Ibi bikaba bibaye inyuma y’indwi imwe gusa R Flow na Chany Queen
bahoze bakundana bashize ahabona ifoto barikumwe, ifoto yavugishije
benshi aho abatari bake bibajije ko boba basubiranye, ariko abandi
bakibaza ko yoba arindirimbo bobo bagiye gushira kumugaragaro
narirya uwo muririmvyi ariko yitegurira gusohora urukurikirane
rw’indirimbo bita EP.

2 ivyiyumviro on Umuririmvyi R Flow agiye gusezera ubusoreinyuma y’igihe kinini ahisha uwobasohokana.

    suzan sis
    August 20, 2023

    Congratulations R Flow
    We wish you all the best

    0
    0
    honest
    August 20, 2023

    Muraberanye kabisa
    Congratulations brother

    0
    0

Siga Iciyumviro