April 28, 2024

Bruce Melodie, Vyavuzwe ko yica umuzikinyarwanda birangiye ashitse i Bwami.

1

Bruce Melodie, Vyavuzwe ko yica umuzikinyarwanda birangiye ashitse i Bwami.

N’umwe mu baririmvyi bo murwaruka rwa none yaje akorana ishaka
n’ubwira mumuziki nyarwanda bukebuke agenda y’igarurira imitima
y’abanya Rwanda maze atandukira i bihugu bitandukanye nk’uBurundi,
Kenya, Tanzania, Uganda n’ahandi… ariko ntiyabonwa kumwe n’aba
nabariya bivanye n’ubutumwa aririmba bivugwa ko indirimbo ziwe
zihamagarira urwaruka kuja mungeso mbi, Eka no muburundi indirimbo
ziwe zimwe zimwe zikaba zaje guhagarikwa kuvuzwa kubinyamakuru
vy’i Burundi nikigo CNC kijejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi.

Kumusi wejo igenekerezo rya 19 Myandagaro 2023 niho
hasozerwa(Finale) isabukuru ryiswe “Giants Of Africa” muri BK Arena
mugihugu c’urwanda ryatanguye kwigenekerezo rya 13 Myandagaro,
iryo sabukuru rikaba ryari ry’itabiriwe n’abaririmvyi bakomeye nka


Davido, Tiwa Savage, Tyla n’abandi aho mbere na

Diamond Platnumz
wo mugihugu ca Tanzania yari yahishikiye kwiyugururwa ryiryo
sabukuru.

N’isabukuru ubona ko ryashigikiwe na Nyakubahwa umukuru w’igihugu
c’urwanda Paul Kagame

kuva kuntango gushika kwiherezo, nkuko yagiye
arabikora kuva kuntango, akaba yagiye araha umubonano abaririmvyi
batandukanye muriryo sabukuru,

umuririmvyi Bruce Melody nawe akaba
yarageze kurayo mahirwe, akaba yakejwe cane kuntambwe ubwiwe
avuga ko ikomeye cane anavuga ko arikimwe mubintu yari yaripfuje
kuva kera.

Iciyumviro on Bruce Melodie, Vyavuzwe ko yica umuzikinyarwanda birangiye ashitse i Bwami.

    Patrick ngoma
    August 22, 2023

    Vyose biva mugukora cane
    Munyakazi arakora kandi aravutura ntamahera asigaza inyuma kizi gukora brand
    Imbere cane musaza

    0
    0

Siga Iciyumviro