July 27, 2024

Amaso Y’abarundi kuntamba | Hitezwe amateka adasanzwe kugihugu c’uburundi

1

Harabaru amasaha make habe urukino ruhuza umurwi nserukira gihugu w’uburundi (Intamba murugamba) hamwe n’umurwi nserukira gihugu w’igihugu ca Cameroun(Les Lion Indomptables) , urukino rushobora gutuma umurwi w’intamba murugamba ugira amahirwe yo gushika mumahiganwa ya CAN mugihe uyu murwi wotsinda canke ukanganya n’umurwi wa Cameroun

Urwo rukino rukaza kuba igihe c’isaha 3 z’ijoro(Kumasaha y’i BUJUMBURA) , bikaba biboneka ko abarundi benshi barindiranye igishika urwo rukino eka mbere bakaba bizeye ko intsinzi itaha i burundi atacamira.

Hakaba hahejeje kuboneka Isanamu ya Étienne NDAYIRAGIJE umumenyereza w’ Intamba Mu Rugamba yashoboye guhura ndetse batera inkuru na RIGOBERT SONG umumenyereza wa Les Lions Indomptables umurwi nserukira gihugu wa Cameroun. 

Mbega Wewe urwo rukino ubona ruza kurangira gute ?? 

Iciyumviro on Amaso Y’abarundi kuntamba | Hitezwe amateka adasanzwe kugihugu c’uburundi

Siga Iciyumviro