May 19, 2024

Umwe Mubahawe Agashimwe n’UMUKURU WIGIHUGU kuwa 1 Rusama k’umusi mukuru Mpuzamakungu w’abakozi n’akazi

0

🎖️ Ku myaka 16 afise yaraye ashimiwe n’umukuru w’igihugu muguhabwa urupapuro rw’iteka.

📌 Mu gihe K’umunsi w’ejo igenekerezo rya 1 Rusama 2024 hahimbazwa Umunsi Mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaboneyeho akaryo ko gutanga impapuro z’iteka n’ubushimwe ku bakozi 10 bakoze neza gusumba abandi muri uyu mwaka, mu bisata bitandukanye vy’igihugu. Aho Yabateye intege anabasaba kurushirizaho kuba akarorero mu bisata bakoreramwo

👏🏿 Muri Abo bashimiwe harimwo Wa mwigeme #Nishimwe_Marie_Leslie_Elyna akiri muto w’imyaka 16 .

📕 Uwo mwigeme rero akaba yashimiwe kubera igitabo yanditse co gusoma kigizwe n’ama Pages 90.n’inkurunziza kurwaruka nago rufise ico rushobora kwerekana rwitunganirije nakare tukazirikana nantaryo gukura amaboko mumpuzu tukubaka Reta nkozi nkuko NYENE ICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU Evaliste NDAYISHIMIYE Abisaba abene gihugu

#KAYANZA #GATWARO #IKIMENYESHA MAKURU #BBNEWS

#Nishimwe_Marie_Leslie_Elyna

Ntaciyumviro kiratangwa on Umwe Mubahawe Agashimwe n’UMUKURU WIGIHUGU kuwa 1 Rusama k’umusi mukuru Mpuzamakungu w’abakozi n’akazi

Siga Iciyumviro