July 27, 2024

Bitegekanijwe ko iharurwa ry’amajwi yose y’ivyavuye muri ayo matora rizofata imisi itari mike

Mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ibiharuro vya mbere vy’amajwi bibandanya gushikirizwa, vyerekana ko umugambwe ANC ufise amajwi ari musi ya 50 kw’ijana, muri iki gihe hitezwe impinduka muri politike yo muri ico gihugu.

Ivyo bivuga ko uyo mugambwe ushobora gutakaza ubwinshi mu nama nshingamateka. Buzoba bubaye ubwa mbere bigenze gurtyo kuva uyo mugambwe ugiye ku butegetsi ku ntwaro ya Nelson Madela, inyuma y’aho intwaro ka ryanishamiryango irangiriye mu mwaka w’1994.

Ivyo biharuro bitanga ishusho y’ukuntu ayo matora yabaye ejo ku musi wa gatatu ashobora kugenda muri iki gihe hamaze guharurwa ibice 20 kw’ijana gusa vy’amajwi yose.

Bitegekanijwe ko iharurwa ry’amajwi yose y’ivyavuye muri ayo matora rizofata imisi itari mike. Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora uvuga ko ivyayavuyemwo bishobora gutangazwa ku musi wa Mungu, ariko birashoboka ko yotangazwa imbere yaho.

#BBNEWS #hosted Rachidi NT

Ntaciyumviro kiratangwa on Umugambwe ANC Ushobora Gutakaza Ubwinshi Mu Nama Nshingamateka

Siga Iciyumviro