September 8, 2024

Barasaba Leta ko yokora uko ishoboye mukuzitirira Uruzi Rusizi ataruko na bujumbura yose izoshikirwa

3

abanyagihugu bo muri Commune Mutimbuzi na Cane cane Kajaga na Gatumba baratakamba basaba Leta ko yobagarukira mukubafasha kuzitirira uruzi Rusizi kuko arirwo ntantaro y’imyuzurira itera ikangaza imiryango itari mike ngo kuko uruzi rusizi ruta inzira rukaja kwirondera aho ruca mugihe rwuzuye munyuma rubatera mumazu mbere bamwe bamwe bakanahasiga ubuzima bifanye nuko ayo mazi kenshi usanga aza afise ninguvu nyinshi aka bomora amazi eka ngo hari n’igihe usanga hazamwo n’ibikoko narirya uruzi Rusizi rwuzuyemwo Ingona n’Imvubu.

benshi mubafise ama Parcelle hafi y’uruzi ngo baramaze kwomoka kuko batagishobora no kumenya ko yigeze anabaho kuko hari ishamba gusa ryuzuyemwo amazi n’ibikoko.

abandi ngo bafise ikibazo cuko naho hokwuma imvura iguye ari kwakundi nyene amazi azukuruka hagasubira kuba imyuzurira kandi.

nkabafise ama parcelle mukajaga bavuga ko leta itagize ico ikoze vuba nigisagara cabujumbura gishobora umusi umwe guterwa numwuzurira.

barangiza basaba ko uwoba wese ashoboye kugira ico abafashije yobikora kuko benshi muribo batakigira uburaro canke ubukene bubarembeje kuko ivyabo vayashoboye gutwarwa namazi.

3 thoughts on “Barasaba Leta ko yokora uko ishoboye mukuzitirira Uruzi Rusizi ataruko na bujumbura yose izoshikirwa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *