September 7, 2024

Ejo kw’Igenekerezo rya 7 Kigarama niho twaramutse tugendera komine Rutegama y’intara ya Muramvya

11

Ejo kw’Igenekerezo rya 7 Kigarama niho twaramutse tugendera komine Rutegama y’intara ya Muramvya

Ejo kw’Igenekerezo rya 7 Kigarama niho twaramutse tugendera komine Rutegama y’intara ya Muramvya ,aho Ikigo c’igihugu kijejwe Inyubako za leta cari kiramutse gishikiriza Inyubako zizokoreramwo sentare y’intango ya Komine Rutegama. 

Ico gikorwa kikaba cari gihagarariwe n’ Umuyobozi ajejwe urwubako mu Kigo OBUHA, Ing.Désiré NIZIGIYIMANA,Ing.Patrick MANIRAKIZA yakurikiranye uyo mugambi, abahinga batandukanye.  

Umuyobozi ajejwe urwubako akaba yarashikirije icese izo nyubako zizokoreramwo sentare y’intango ya Rutegama.

Akaba yaravye ko zobungabu gwa neza kuko ari inyubako rusangi.

 Yarongeye arashimira abahinga bobo bitanze batiziganya kugira bigende neza.

Umukuru wiyo Sentare arakengurukira bimwe vyimvamutima Ikigo OBUHA cubatse iyo Sentare.

Kubwiwe ngo bagiye koroherwa mu bikorwa vya misi yose eka n’amadosiye akazoshingurwa neza.

Eka n’abenegihugu baho mu Rutegama barashima cane izo nyubako bakavugako OBUHA yobandanya yubaka no muyandi makomine agize intara ya Muramvya.

Uwaserukiye ubushikiranganji bw’ubutungane nawe nyene yarakengurukiye Ikigo OBUHA anasaba ko amasentare yose yokubakwa gutyo,abacamanza n’abenegihugu bitura ubutungane boroherwe.

Tubibutse ko Ikigo OBUHA gisanzwe gikukira ubushikiranganji bw’Inyubako, Ibikoresho vya Leta ni kurwiza Uburaro.

11 thoughts on “Ejo kw’Igenekerezo rya 7 Kigarama niho twaramutse tugendera komine Rutegama y’intara ya Muramvya

  1. OBUHA muri mukazi muhezagirwe cane
    Ir Desire wewe akazi uragashoboye cane
    Kuva kera warinyerebutsi ndakwera musaza komeza iterimbere 🇧🇮 bwacu buseneza

  2. OBUH na Rumonge mutwibuke kuko usanga inyubakwa dufite zitajanye nubuhinga bwa none ariko kandi turabashimira kubikorwa muri kugenda mukora vyiza

  3. Kombona arigatoya cane
    Mwarikububakira etaje kugira bise neza cane mugabo mwaragerageje Obuha mubandanye muri kukivi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *