October 18, 2024

“Kuharya i reggae” imvugo ikoreshwa nabenshi kubera kubura imodoka zibunguruza.mwibura ry’igitoro

10

mugihe hamaze igihe kinini hibonekeza ikibazo c’ibura ry’igitoro,mu Burundi eka no mubindi bihugu,abantu benshi bamaze kumenyera kugenda n’amaguru aho usanga ikirwi c’abantu benshi bari mwibarabara,abavuye kukazi,abanyeshure,abigisha,eka n’abandi.

mugihe hamaze igihe kinini hibonekeza ikibazo c’ibura ry’igitoro,mu Burundi eka no mubindi bihugu,abantu benshi bamaze kumenyera kugenda n’amaguru aho usanga ikirwi c’abantu benshi bari mwibarabara,abavuye kukazi,abanyeshure,abigisha,eka n’abandi.

bamwe muribo harimwo nababa bafise imiduga ariko kubera ikibazo c’igitoro no gutonda bagahitamwo kuhafata n’amaguru.

Benshi mubo twashoboye kuganira nabo baratubwira ko bamaze kumenyera kandiko ataco bibatwaye nubwo bamwe usanga batamenyereye gufata ingendo ndende.

Urwaruka rwo rwaranabitoreye akazina ngo'”Ni kuharya i Reggae ntabundi buhinga” canke “kuhatera Urweranda” benshi muribo ngo nabo birabagora gushika kumwanya,narirya ari abanyeshure,ati kandi niyo bashitse batevye harigihe abavyeyi batemera ko boba bahateye i reggae nkuko bavyita.

bivanye nuko abarundi benshi bamenyereye gufata ama bus canke moto na taxi velo ,kugira bashobore kwiyunguruza,ngo benshi bari bakwiye no kumenyera kuhatera i reggae ngo kuko bifasha benshi mubatagira sport no gushobora kuziganya amahera yo kwiyunguruza kuko ibiciro biguma biduga buri musi,ngo kandi igisagara cacu ntabwo ari kinini gose kuburyo wofata urugendo rwamasaha 3 mwibarabara utarashika aho utaha.

Kuharya i reggae rero ngo hari abamaze kubigira umugenzo ntabundi buhinga

10 thoughts on ““Kuharya i reggae” imvugo ikoreshwa nabenshi kubera kubura imodoka zibunguruza.mwibura ry’igitoro

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *