September 7, 2024

Insanganya y’indege yo mu bwoko bwa Boeing 737, yabereye ku kibuga c’indege c’umurwa nukuru wa Senegali, Dakar.

Abantu 10 bakomeretse mu nsanganya y’indege yo mu bwoko bwa Boeing 737, yaraye ibereye ku kibuga c’indege c’umurwa nukuru wa Senegali, Dakar.

Ubushikiranganji bujejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu muri ico gihugu bwavuze ko iyo ndege yahushije umurongo w’inzira, yari ihagurutse igiye I Bamako muri Mali.

Indege yagize isanganya yegukira Air Sénégal. Yarimwo abantu 85: Ingezi 79, abadereva babiri n’abakozi bo mu ndege basanzwe bane.

Biciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Ishirahamwe, The Aviation Safety Network, rikurikiranira hagufi ivy’insanganya z’indege ryerekanye amafoto y’iyo ndege yagize isanganya iri mu vyatsi, ikikujwe n’abazimyamuriro.

Imashine imwe mu zigize iyo ndege vyaboneka ko yononekaye, ishami ryayo rimwe naryo ryari ryasambutse.

Umushikiranganji ajejwe igisata co gutwara abantu n’ibintu muri Senegali, El Malick Ndiaye, yavuze ko abakomeretse baciye banyarukanwa mu bitaro, abandi nabo batwarwa mu mw’ihoteri kuruhuka.

IYONKURU BBNEWS TUKABA TUYAKESHA IJWI RYA AMERICAN

11 thoughts on “Indege Ya Sosiyete Air Sénégal Yagize Isanganya Ikomeretsa Abantu 10

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *