September 8, 2024

#Gitega✨ Kwibuka uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza

📆Kuri uyumusi wa 8 Ruheshi niho haba ibirori vyo kwibuka Uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza akaba ari n’umusi wahariwe kuzirikana no gukunda Igihugu

🏢Ibirori bikaba vyabereye ahari intatemwa y’Uwo muhisi iri k’umurwa mukuru wa poritike #Gitega

*Nguku ukwo ivyo birori vyagenze*

__________________________________

📯 Inyuma y’indirimbo yaririmbwe na korare Komezagusenga, abari ngaho bakurikiye ivyaranze ubuzima bw’Uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza.

💐 Inyuma yivyo, Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye n’Umutambukanyi wiwe yaciye ashirako urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’Umuhisi Petero Nkurunziza, hakurikira Umuryango usigwa n’Uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza, hanyuma abaserukira ibihugu vyabo mu #Burundi.

👂🏽Abari ngaho bakaba baciye bumviriza rimwe mu majambo yashikirijwe n’uwo muhisi

👥Nabandi bategetsi bari bitabiriye ivyo birori harimwo abarongoye Inama nshingamateka , n’abandi

#Uburundi www.bbnewz.com

#AMAKURU MU BURUNDI

3 thoughts on “#Gitega Kwibuka uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *