November 21, 2024

Guhera mumwaka wa 2021 ubuserukizi bw’ububirigi mu Burundi bufadikanije n’urunani rw’abanyonzi ba makinga mu Burundi hamwe na mairie ya Bujumbura bwama burimwaka butunganya urugendo rwokuzunguruka igisagara ca Bujumbura ku makinga.

Ejo hahise igenekerezo rya 16 ruheshi niho urwo rugendo rwatewe iteka n’abanyacubahiro batandukanye harimwo uwurongoye igisagara ca Bujumbura Jimmy hatungimana n’uwuserukira ubububirigi mu Burundi Michael Winner.

Tukabamenyeshako urwo rugendo rwitabiriwe n’abanyonzi bamakinga barenga 170 harimwo n’abana. Urwo rugendo rukaba rwatunganijwe   mu ntumbero yo kuratira ijisho ubwiza bw’igisagara ca Bujumbura.

Tukabibubutsa ko ukunyonga ikinga ari bimwe ngirakamaro kumuntu aho twovuga ubumaro nyamukuru tubisangamwo nkokugira amagara meza kuko ni kimwe gituma umuntu anonora imitsi biciye mukunyonga ikinga bigatuma hari indwara zimwezimwe zidashobora kumufata  .Muri cogikorwa nyene co kunyonga ikinga biratuma umuntu ashobora kwiyunguruza mu rugendo rwiwe akoresheje ikinga ,hampande yaho harababifata nkurukino rwokwiryohera mukurya umunyenga.

Inyuma yokugira ikinga igikoresho kigufasha kwinonora imitsi ,iryokinga nyene iyo urizi rirashobora gufasha mwiterambere ry’ubutunzi mu gihugu c’uburundi  ,nkakarorero ikinga rirashobora gufasga murudandaza rikanaha amahirwe abitunganiriza imigambi yabo aribo twita mururumi rw’igifaransa (les entrepreneurs) kuko abo barashobora guca buguruza idandarizo ry’amakinga ,canke ivyuma bisubirira ibindi vyafuye twita( les pieces accessories) bikavyara kandi ibibanza vyogukoreramwo ayo makinga mugihe yagize ikibazo arinaco giha akazi abakora ayo makinga yafuye .

Ukwibihe bihindagurika niko iterambere ritera rijimbere, abo basanzwe bitunganiriza imigambi baraheza bagatangura kwikorera amakinga bakoresheje ivyuma bafadikanya maze ivyo bigatanga umusaruro ukomeye muburyo bw’ubutunzi.

Mukurangiza twifuje kubamenyesha ukungene umunyonzi wese w’ikinga n’uwifuza kurinyonga ukuntu yorengera ibibazo bihagaze kumabarabara usanga adakoze neza nkayo dusangamwo ibinogo canke ibidunduri ;ibibazo bihagaze  kukuzimba kwayo makinga mu Burundi canecene mugihe usanga ubanyagihugu benshi bugarijwe nubukene ,tutibagira ukudakingingwa nukudaha agaciro ikinga nkikindi kigendeshwa cose cokwiyunguruza ,ibibazo bihagaze kumico n’imigenzo y’uburundi aho mu burere bumwebumwe abakobwa batemererwa kunyonga ikinga ,nomugihe haruwinanase akarinyonga batangura kumufata nkuwatagira indero nkuwataye akaranga ku Burundi .

Kuriyo mpamvu umunyonzi wese w’ikinga ategerezwa kurengrera izontambamyi zose, kugira aterimbere anateze imbere igihugu camwibarutse, hama abajejwe inkino mu Burundi bagaha agciro iryo higanwa hanarwizwa ihugurwa rya banononotsi mu gisata cokunyonga amakinga ,ubugira kandi bakabitangaza hose yuko ikinga aringirakamaro ku murundi wese yaba umukobwa canke umuhungu .

#AMAKURU KURI BBNEWS #Umwanditsi : NIYUBAHWE Justin #broadcasting business news

3 thoughts on “Abantu barenga 170 nibo bitavye mu rugendo rwa banyonzi b’amakinga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights