Burundi : Mu misi 3 abarundi bamaze kwiyandikisha ku rugero rwa 29%

1
Prosper Ntahorwamiye, arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante)

Prosper Ntahorwamiye, arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante)

Mu kiringo c’imisi 3 igikorwa co kwandika abazitabira amatora yo muri 2025 kimaze, abarundi bari mu Burundi bamaze kwiyandikisha bangana na 1.742.111, ni ukuvuga ku rugero rwa 29%. Ivyo vyatangajwe na Prosper Ntahorwamiye, arongoye umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante),hari mu gitondo co kuri uyu wa 25/10/2024.

Uwo mukuru wa CENI, yatangaje ko gushika kuri uyu wa kane, ibitigiri vy’abari bamaze kwiyandikisha ku ntara bimeze uku : mu ntara ya Gitega hamaze kwiyandikisha abagera kuri 482.880, Butanyerera 423.961, Bujumbura 354.581, Buhumuza 274.913 nayo mu ntara ya Burunga abangana na 205.776. Ku kijanye n’ibiharuro vy’abarundi bari mu makungu, ngo bizoshikirizwa ku musi wa nyuma kuko bigoye kwegeranya ibiharuro vyabo ku musi ku musi.

Kuri bamwe bavuga ko babuzwa kuronswa ico bipfuza muri komine kanaka kubera badafise agapapuro biyandikishirijeko, Ntahorwamiye avuga ko Leta ifise uburenganzira bwo guhimiriza abenegihugu gukora igikorwa ciza ku neza yabo. 

Mwomenya ko iryo yandikwa rizorangira ku wa 31/10/2024, igihe c’isaha cumi  n’imwe n’igice (17h30’)

1 thought on “Burundi : Mu misi 3 abarundi bamaze kwiyandikisha ku rugero rwa 29%

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights