November 14, 2024

Hashizweho umugambi ugiye kworohereza abadandaza bahora bacisha ibidandazwa ku mupaka wa Congo n’Uburundi

10

Kuri uyu wa 30/10/2024, Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’ubudandaji mu Burundi na Kongo Julien Paluku, umushikiranganji w’ubudandaji muri Congo, batanguje umugambi witwa “Régime Commercial Simplifié (Recos)”, umugambi ugiye kworohereza abadandaza bo mu bihugu bihurikiye mu muryango w’isoko rusangi “Comesa”, gukora urudandazwa ndengambibe cane cane abaca ku mupaka w’Uburundi na Congo muri Zone Gatumba y’intara ya Bujumbura.

Clarisse Baricako, aserukira abadandaza bakora urwo rudandazwa mu Burundi, na mugenzi we wa Congo, Vumilia Kwibe, hamwe n’abadandaza muri rusangi, barashima cane uwo mugambi ugamije gushira ku mugaragaro urutonde rw’ibidandazwa vyemewe ndetse hagabanywe n’amafaranga yahora arihwa iyo vyinjiye mu gihugu. Nayo ngo abo badandaza bakwiye kwihatira kugwiza umwimbu mu vyimburwa canke ibihingurwa biri ku rutonde rw’ibizokworoherezwa muri uwo mugambi.

10 thoughts on “Hashizweho umugambi ugiye kworohereza abadandaza bahora bacisha ibidandazwa ku mupaka wa Congo n’Uburundi

  1. Bazoshireho un grand restaurant yokwakira ingenzi hamwe na systeme yokuriha en dollar canke muma CONGOMAN kubazoba bariko bava muri CONGO.

  2. Ko akarere bakaguye bizobasaba no kwiyumvira nkahamwe abadandaza bubiriyeko aho boca barara mu micungararo canke aho ibidandaza vyabo vyoca biba birabitwse nko muri un entrepôt commercial yoba iri payant.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *