Umukuru w’Igihugu c’Uburundi niwe agiye kurongora umuryango w’isoko rusangi “COMESA”

2
Umukuru w'igihugu ca Zambia n'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi

Umukuru w'igihugu ca Zambia n'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi

Kuva kuri uyu wa 31 Gitugutu 2024, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, niwe agiye kurongora umuryango w’isoko rusangi COMESA(The Common Market for Eastern and Southern Africa) mu kiringo c’umwaka umwe, akaba asubiriye umukuru w’igihugu ca Zambia, Hakainda Hichilema.

Mw’ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko hagiye gukurwaho Visa mu Burundi ku bihugu bigize umuryango wa COMESA. Ngo ni akaryo ko kwiyumvira guteza imbere umuryango wa COMESA biciye mu bisata bitandukanye harimwo uburimyi kuko ari bwo nkingi y’ubutunzi muri uyu muryango yanavuze kandi ivyo gukomeza amahoro, umutekano no gushigikirana hagati y’ibihugu bigize uwo muryango.

Mwomenya ko iyo nama y’ibihugu bigize umuryango wa COMESA, yahuje abakuru b’ibihugu 21 vyo mu buseruko no mu bumanuko bwa Afrika, indongozi zaherekeje abo bategetsi, abarongoye amahinguriro yo muri ivyo bihugu n’abandi banyacubahiro atandukanye.

Musomyi wacu, mwwakiriye gute iyi nkuru?

2 thoughts on “Umukuru w’Igihugu c’Uburundi niwe agiye kurongora umuryango w’isoko rusangi “COMESA”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights